I. Umwaka urarumanye Evariste Ndayishimiye ashikiriye amabanga yo gutwara igihugu hari kw’igenekerezo rya 18 Ruheshi 2020. Mu kiringo c’umwaka amaze, nta ntambwe aratera mu vyo yari yiyemeje gukora, haba mu kubahiriza agateka ka zina murundi wese, kurwanya ubukene mu barundi canke ubutungane kuri bose. Mu majambo yagiye arashikirizwa na prezida Ndayishimiye harangwamwo gutanga icizere ku barundi, ahandi agasa n’uwidogera abamufasha gutwara.
II. Umwaka uheze prezida Evariste Ndayishimiye arongoye igihugu ngo waranzwe n’amajambo meza ariko imvugo ntiyaheza ngo ijane n’ingiro, bamwe mu banyagihugu baganiriye na Radio Inzamba baragira ico bashikirije.
III. Urunani CFOR-Arusha rwiyemeje guharanira amasezerano yateweko igikumu Arusha narwo rubona ko umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye vyamutaye ku w’amazi, kugira ngo atore umuti w’ibibazo vya politike biri mu gihugu inyuma y’umwaka ashitse ku butegetsi. Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha.
IV. Ishirahamwe Rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, ACAT-Burundi risaba leta y’Uburundi gusubira gukorana n’ibisata vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zina muntu, kuko ari imwe mu nzira yotorera umuti ibibazo bijanye n’amabi akorerwa abanyagihugu. Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT-Burundi.
V. Inyuma y’umwaka Président NDAYISHIMIYE ashikiriye ubutegetsi, igisata c’ubutungane cabandanije kuba igikoresho. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize avuga y’uko umukuru w’igihugu ingingo ya 214 y’ibwirizwashingiro imuha ububasha bwo guhagararira ubwigenge bw’ubucamanza yayirengangije. Ahubwo Evariste Ndayishimiye uretse guhagararira ihohoterwa rya kiremwa muntu mu batavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, inyuma y’imisi mike agiye ku butegetsi, ngo yaciye ategeka gucira imanza zo guherayo abo batavuga rumwe, hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu, n’abamenyeshamakuru bahunze igihugu. Umushingwamanza Bashirahishize akibutsako urwo urubanza n’uwo Evariste Ndayishimiye yasubiriye yari yararutinye kubera ko ata vyagiriji biboneka bari gufatirako.
VI. Tukibandanya n’ivyaranze umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye inyuma y’umwaka ashikiriye amabanga y’ukurongora Uburundi, ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch, ribonako ivyemewe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu bijanye n’ukurwanya ukudahana, kwihanganirana muri politike, bitarashirwa mu ngiro. Kubwa Lewis Mudge umuyobozi wa HRW muri Afrika yo hagati, ngo ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rijanye n’ubwicanyi ndengerabutungane, ihohoterwa rya kiremwa muntu n’ihagarikwa ridakurikije amategeko, biracabandanya n’ubu ku ntwaro yiwe.
VII. Umwungere wa diyoseze nkuru gatorika ya Gitega asaba abategetsi b’Uburundi kuvavanura n’ingeso mbi zama zituma igihugu cama mu ndyane. Yabivuze ejo ku musi wa kane mu gisabisho categuwe i Gitega mu ntumbero yo guhimbaza umwaka uheze umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi. Simoni Ntamwana akerekana ingene kuba abarundi batava mu bwoko bumwe Atari wo muzi w’ingorane Uburundi bufise.
VIII. Muri ico gisabisho nyene co kuri uyu wa kane, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarasavye ikigongwe asa n’uwemera ko abategetsi bataranguye neza ivyo bajejwe. Yagiriyeko ahamagarira abarundi kuvavanura na kahise kabi kugira bubake Uburundi bwiza.
IX. Umwigeme w’umunyamwema w’imyaka 25 azwi kw’izina rya Claudine Harerimana, aba ku mutumba Kayove, zone Masaka , komine Giteranyi y’intara ya Muyinga, yaraye ahatswe kugandagurwa n’umugizi wa nabi yiteye mu nzu mw’ijoro ryakeye igihe c’isaha 8, akomeretsa cane uwo mwigeme amutemye ku kuboko, nk’uko amakuru ava aho ku mutumba Kayove avyemeza. Uwo mugizi wa nabi akaba ngo yarondera gutwara ibihimba vy’umubiri vy’uwo mwigeme, ariko abavyeyi biwe ngo bakaba baciye babanguka gutabara uwo mwigeme, iyo nkozi y’ikibi yaciye ikura meza, nk’uko amakuru ava mu ntwaro kuri uwo mutumba avyemeza. Ayo makuru akavuga ko igipolisi catanguye amatohoza mu ntumbero yo kurondera iyo nkozi y’ikibi.
X. Mu nkino, muri rya higanwa ry’umupira w’amaguru ririko rihuza ibihugu vy’I Bulaya, imigwi ya Pays-Bas n’Ububirigi yaraye ironse uburenganzira bwo gukina igice ca munani gishira ica nyuma, nayo Danemark ikaba isa n’iyamaze gusezera amahiganwa. Kuri uno wa gatanu, Ubwongereza na République Tchèque bishobora kwiyongera mu bihugu bizobandanya amahiganwa, ivyo bihugu biramutse bitsinze.