I. Ibikorwa vyo guhimbaza isabukuru igira 3 umugambwe CNL umaze wemerewe gukora, kuri uno wa gatandatu vyahungabanijwe muri komine Giharo y’intara ya Rutana n’indogozi za CNDD-FDD, ukoresheje urwaruka rwawo rw’imbonerakure be n’igipolisi. Ibirori vyari vyatewe iteka n’umukuru w’umugambwe ku rwego rw’igihugu Agathon Rwasa.
II. Igenekerezo rya 18 Ruheshi ni umusi mpuzamakungu uhimbajwe ubwa mbere, wahariwe kurwanya amajambo yo kubiba urwanko n’amacakubiri. Mu butumwa bugenewe abanyecongo n’abanyagihugu bo mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini muri rusangi, Bintou Keita, umukuru wa MONUSCO, yabasavye bose kuvavanura n’imvugo ibiba urwanko n’amacakubiri, kuko ari inkwezi y’amarere, intambara, n’ubundi bubisha.
III. Amajambo abiba urwanko mu Burundi avugwa n’abategetsi, yaragabanutse ugereranije no ku ntwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza. Bishikirizwa n’uwanonosoye ivya politike Jean-Marie Ntahimpera. Ariko ngo n’uno munsi ayo majambo abiba urwanko aracibonekeza muri politike, aho usanga hari imigwi y’abarundi ibaho ibona y’ukwo idakunzwe n’ubutegetsi buhari.
IV. Muganga Christophe Sahabo yahora arongoye ibitaro KIRA Hospital afunzwe yagirizwa gukoresha nabi amafranga y’ivyo bitaro, yategerezwa kurenguka kuri uyu wa gatanu imbere ya sentare nkuru y’igihugu, kugira hamenyekane ko aguma apfunzwe canke arekurwa. Ni inyuma y’imisi 30 yungururijwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba na parquet. Ku bw’umushingwamanza Gustave Niyonzima harahonyanzwe ingingo ya 155 y’igitabo mpanavyaha.
V. Inama kaminuza yiga ibibazo bihanze igisata c’indero yabaye kw’igenekerezo rya 14 gushika kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi uno mwaka, nta kintu kinini cavuyemwo. Ivyo bishikirizwa n’umuhinga mu vy’indero Libérat Ntibashirakandi. Ku bwiwe, ibibazo nyamukuru bijanye no kutavanga ibijanye na politike mu mashure ntivyigeze bishirwa imbere, kandi ari vyo bihanze ico gisata.
VI. Uyo muhinga Libérat Ntibashirakandi aratangazwa kandi n’ukwo muri iyo nama batashimikiye ku mugambi mushasha wo gushinga amashure shingiro mu mashure, aho abatari bake bataramenya kubitandukanya.
VII. Uyu musi mu kiganiro Kw’isôko, tugaruka ku vyapfunditswe mu nama rukokoma yo mu gisata c’indero iheruka kubera i Bujumbura.