Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/07/2020

Publié le 18 juillet 2020 par Rédaction

I. Igipolisi c’Uburundi cahagaritse kuri uyu wa gatandatu, akagwi k’abasuma bahora bambura abantu bava mu gihugu ca Tanzaniya baza mu Burundi baciye ku mupaka mu ntara ya Makamba. Vyashikirijwe na Petero Nkurikiye avugira igipolisi c’Uburundi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu mu ntara ya Makamba. Icibonekeje kandi kibabaje, n’uko ako kagwi gakorana n’aba nyatanzaniya, gakorana kandi n’abajejwe intwaro.

II. Umuntu umwe yaraye akomeretse cane mu gitero cagizwe n’abantu bataramenyekana bitwaje ibigwanisho, muri zone Kizuka,  komine n’intara ya Rumonge. Imvo z’amatongo zikaba ziri inyuma y’ico gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uno wa gatanu rishira uwa gatandatu.

III. Ukudahana ngo ni yo ntandaro y’amabi ariko arakorwa mu Burundi. Uyo niwo mwihwezo wa Méthode Ndikumasabo yize amategeko, inyuma y’icegeranyo c’ubwicanyi bumaze gukorwa mu ndwi 3 gusa Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi, icegeranyo cakozwe n’ishirahamwe FOCODE. Kubwa Ndikumasabo, abona ko mu gihe umukuru w’igihugu yobishaka, yotanga itegeko bigahagarara kandi ata n’umwe yokwubahuka kutubahiriza iryo tegeko. Aragabisha abariko barakora ubwo bwicanyi, ko impera n’imperuka bazokwishura ku bwicanyi buzobagira.

IV. Uyu  musi amakungu yahimbaje umusi mpuzamakungu witiriwe Nelson MANDELA ku civugo “ Gira ico ukoze, kugira habe ihinduka” . Mw’ijambo umunyabanga mukuru wa ONU yashikirije kuri uno musi, yamenyesheje ko Nelson Mandela ari intwari yo mu kinjana ca 20 n’ubu iragi ryiwe benshi bakaba barigendera. Antonio Guterres yibukije kandi ko Nelson Mandela yapfunzwe kubera  ivyiyumviro vyiwe, niko gusaba abarongoye ibihugu kurekura abapfungiwe ivyiyumviro vyabo. Antonio Guterres akaba yamenyesheje kandi ko uyu musi ushitse mu gihe ikiza c’umugera wa corona wugarije isi, agasaba abategetsi mw’isi kugira urunani mu kurwaniriza hamwe ico kiza.

V. Ku bwa Innocent MUHOZI , umumenyeshamakuru yakurikiraniye hafi ibikorwa vya Nelson MANDELA mu kunywanisha abarundi bari mu ndyane, ashikana abarundi ku masezerano ya Arusha. Amasezerano ya Arusha ariko yahavuye asenyuka bivuye ku bihugu nka Tanzaniya, abakoreye mu ngata abarongoye Tanzaniya uyu musi bacuditse na CNDD-FDD. Innocent MUHOZI.

VI. Mu kigabane Kw’Isoko c’uyu musi, tubabwira ubuzima abakenyezi bavyariye iwabo mw’ikambi ry’impunzi y’i Mahama babayemwo.

Ibindi bisa n'ibi