I. Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yimuriwe mw’ibohero rikuru rya Gitega kuva kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 18 mukakaro uno mwaka. Alain Guillaume Bunyoni akaba yari yahagaritswe kuva kw’igenekerezo rya 21 z’ukwezi kwa kane uno mwaka, aho yaciye ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi, ari naho yakuwe ajanwa i Gitega. Ivyaha yagirizwa ni uguhungabanya umutekano w’igihugu, ugutuka umukuru w’igihugu, kwonona itunga ry’igihugu, ugutunga birenze bidasiguritse, hamwe no gutunga ibigwanisho. Imvo z’iryo yimurwa zikaba zitaramenyekana.
II. Igenekerezo rya 18 Mukakaro uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi wahariwe umuhisi Nelson Mandela yahoze arongoye igihugu ca Africa y’epfo. Uwo musi akaba yawuhariwe kubera yaranzwe no kuronderera amahoro n’ukwigenga kw’abanyagihugu. Uyu musi ariko ngo ukaba ushitse mu gihe mu gihugu c’Uburundi ata mahoro n’umutekano biharangwa, kandi abanyagihugu batari mu bwigenge. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani CAVIB rw’abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha mu Burundi bikurikiranwa na sentare mpuzamakungu. Ku bwiwe, kuva haje intwaro y’umugambwe CNDD-FDD, agateka ka zina muntu kabandanije guhungabana hamwe n’ubutungane budakora ku bagirizwa amabi. Umushingwamanza Niyonzima ahamagarira abarundi kwitura urunani CAVIB kugira bashikane ama dossier yabo mu masentare mpuzamakungu.
III. Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu barikumwe n’uw’ikigega ca Leta, barashize umukono kuri uno wa 12 mukakaro uyu mwaka, kw’itegeko risubiramwo ibiciro vy’ivyangombwa n’izindi mpapuro zitangirwa muri komisariya nkuru y’igipolisi c’inyamiramabi. Ikigaragara muri iryo tegeko akaba ari uko amafranga azohora arihwa kugira uwukeneye izo mpapuro ashobore kuzironka, yadugijwe cane.
IV. Imiryango itari mike iba ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga co kimwe no ku migwa mikuru y’ama komine agize iyo ntara, irarajwe ishinga n’ubukene bw’ikiribwa c’isukari bumaze hafi amezi abiri bwibonekeza muri iyo ntara. Nk’uko abaguzi bamwe babimenyesheje Radiyo Inzamba agateka kawe, imiryango ifise abana bato bakenera isukari mu ngaburo yabo, isa n’iyataye umutwe eka niko kuko no ku bantu bakuze bakunda kunywa isukari mu cayi, na cane cane abadasoma inzoga. Uretse ko iyo sukari itaboneka, uwugize Imana akayironka ku mudandaza ayigurisha mw’ibanga nta ngere, ikiro kimwe akigura amafranga ari hagati y’ibihumbi bitanu 5000 n’ibihumbi bitandatu 6000.
V. Ugukumirwa kw’abantu bagendana ubumuga gutegerezwa guhagarara. Ako n’akamo gaterwa na Cassien Bizabigomba, aserukira imbere y’amategeko urunani rw’amashirahamwe y’abantu bagendana ubumuga mu Burundi. Mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa kabiri, bakaba basaba na cane cane ko uburenganzira bwabo bwubahirizwa mu kwiyunguruza, hanyuma bagasaba bashimitse guserukirwa mu nzego zitandukanye biciye mu matora.
VI. Umukinyi w’umurundikazi Florence Kalume yari azwi ku gatazirano ka Dada yaraye yitavye Imana, ahitanywe n’isanganya muri Leta zunze ubumwe za amerika, iyo yari asigaye aba. Uwo mwigeme w’imyaka 32 akaba yarabaye rurangiranwa mu rukino rwa Basketball haba mu Burundi, mu karere eka no muri leta zunze ubumwe za amerika.
VII. Imbere yo gusozera aya makuru, murakurikira agakino k’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka, agakino bise «Tunywere mu gakuza».