I. Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Kayanza yaciriye ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, igihano c’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose, umupolisi Nestor Sindihebura batazira Tindo. Uwo nawe akaba yari uwo muri komisariya y’igipolisi ya Kayanza. Akaba yagiriwe n’icaha c’ukuba, mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, yarishe arashe mugenziwe Philbert Nduwayo, batazira Kiduduye. Hakaba ari mu gihe abo bose bari batashe bavuye ku mirimo yabo ya misi yose, ku kirindiro c’igipolisi kiri mu gisagara ca Kayanza. Akaba yakoze iryo bara bageze mu nzira bagana kw’ikambi y’igipolisi. Sentare ikaba yamwagirije kuba yakoze ico caha yabanje kugitegura, kuko yari yaraye arahiga ko aza kurasa bagenziwe.
II. Mu Kayanza, muri komine Matongo, umushingwamanza yitwa Ezekiel Cimpaye batazira Minani yarekuwe kuri uyu wa kabiri inyuma y’imisi 3 akubiswe n’urwaruka rw’imbonerakure, yongera arapfungishwa n’icegera c’uwutwara imbonerakure muri komine Matongo.
III. Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Cibitoke yasabiye umunyororo w’imyaka 20 mu rubanza rw’ikibiriraho kuri uyu wa kabiri Ntakara Aaron wo ku mutumba Gasenyi rural, komine Buganda, intara ya Cibitoke, yagirizwa kwica abishaka Bigirimana Jean Claude akoresheje imbugita, ku muhingamo wo kuri uyu wa Mungu uheze. Iyo sentare nyene ikaba yaciriye umunyororo w’imyaka 20 n’ihadabu y’amafranga imiliyoni zitanu Nishemeze Gloriose wo ku mutumba Nyarurinzi, zone Buhayira komine Murwi, yagirizwa kwica umugabo wiwe yongera amuturirira inzu mw’ijoro ryo ku wa 15 rishira uwa 16 za kuno kwezi. Abo bose baciriwe uyo munyororo bakaba bari basavye ikigongwe sentare bisigurako babikoze batabishaka, mu gihe umushikirizamanza wa repubulika wewe yari yabasabiye umunyororo wo guherayo. Abari baje kumviriza izo manza bakaba bashimye umunyororo babaciriye, bagasaba ko ubutungane bwobandanya buhasha mwene abo bantu bakora ibibi nk’ivyo.
IV. Hari ibomborabombora hagati y’abarongoye ishengero ry’abagenzi n’indongozi z’umugambwe CNDD-FDD muri komine Nyabihanga, ni mu ntara ya Mwaro. Intandaro ngo n’umwigisha aturuka mu mugambwe CNDD-FDD wo kw’ishure nshingiro ya Musama rikukira iryo shengero, yagirizwa kwaka ibiturire akongera agasambanya abanyeshure. Abo muri iryo shengero bagasaba ko uwo mwigisha yirukanwa mbere akanakurikiranwa n’ubutungane.
V. Kubwa Eulalie Nibizi yahoze arongoye sendika y’abigisha mu Burundi STEB, uyo mwigisha yagirizwa gushurashuza abana akwiye gufatwa vuba bwango, agahanwa bikwiye. Uyo murezi asaba ashimitse umushikiranganji w’indero gufasha kugira uyo mwigisha ahanwe hisunzwe amategeko, kugira indero igarukirwe mu mashure. Umupfasoni Eulalie Nibizi agasaba kandi abavyeyi kwiyamiriza iyo ngendo y’umugambwe CNDD-FDD yo gukingira abigisha bariko barashurashuza abo banyeshure.
VI. Hari umutamakazi yapfuye bivuye ku gusinzirikarizwa ubuzima muri komine n’intara ya KIRUNDO. Umutamakazi NKORIBWIRIZWA Mariya, yakubiswe n’uwitwa Pasteur NKURIKIYE, umukozi wo mu biro bijejwe indero mu ntara. Uyo nawe akaba kuva ku musi wa kane yari acidegmvya ariko amaze kwumva ko uwo yahohoteye yacikanye, yaciye yishikana ku nyamiramabi mu Kirundo. Abanyagihugu bakaba banegura ko ubutungane bwirabira hirya, igihe hari umunyagihugu yahohotewe kugeza n’aho acikana.
VII. Mu ntara ya Muyinga havugwa abasirikare babiri bahohoteye umunyagihugu kuri uyu w’Imana, bakaba bashaka kumwiba amafranga yari agiye kuranguza ibinyobwa vya Brarudi. Iyo adatabarwa n’abanyagihugu bafadikanije n’abapolisi, ibara ryari kurwa.
VIII. Abantu barenga 25 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe mu ndwi zibiri ziheze. Bamwe bagandaguwe batuririwe mu nzu babamwo, abandi baranyurujwe n’inzego z’umutekano bagatorwa ibiziga mu nyuma. Umuhari MAP Burundi Buhire uratewe amakenga n’uyo mutekano muke, n’aho leta yo iguma yitera amashurwe ko ari Leta Mvyeyi. Emery Pacifique Igiraneza arongoye uwo muhari, asaba abategetsi b’Uburundi kwubahiriza umutekano w’abanyagihugu bose, nimba atari umugambi wa Leta nshasha.
IX. Mu ntara ya Makamba, abadandaza bacuruza ibikoresho vyo kwubaka basaba bulamatari mushasha kubishuriza amafranga baheraniwe n’iyo ntara, ku bikoresho batanze kw’ideni vyo kwubaka inyubakwa izokoreramwo ibiro vy’intara. Ayo madeni yafashwe n’uwahora arongoye iyo ntara Gad Niyukuri, kuva mu mwaka wa 2017.
X. Hari ikiza c’indwara bita Muryamo yateye ibitungwa vy’ingurube mu ntara za Rumonge, Muyinga na Rutana. Serges Nkurunziza, umuyobozi mukuru ajejwe ibitungwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, yamenyesheje ko mu ntara ya Rumonge hamaze gupfa ingurube 11.