I. Uwurongoye zone Muyama ya komine Buyengero intara ya Rumonge aragirizwa n’abanyagihugu arongoye kubaka ibiturire no kubahohotera. Inyuma y’inama buramatari wa Rumonge yari yagirishije abanyagihugu mu kwezi guheze, yatanze imisi 8 kugira ukuri kuzobe kwagiye ahabona ku vyo yagirizwa, ariko gushika ubu ntakirakorwa.
II. Umwungere wa Diyoseze katolika ya Bururi, Musenyeri Salvator Niciteretse ahanura urwaruka rw’abarundi kwuzura n’Imana no guhinduka, rukaremesha amahoro, rukubahiriza agateka ka zina muntu, ngo kuko umuntu wese ukwari kwose, yaremanywe agashusho k’Imana. Ku bwiwe rero ngo nta n’umwe, yaba umuntu ku gatwe kiwe, umugwi w’abantu canke leta, arekuriwe kwica uwundi. Musenyeri asaba kandi urwaruka eka n’abakuze kwirinda guhohotera abandi, kubangaza, kubafata nabi mu kazi canke gufungira abandi ubusa, ngo kuko bitosekaza imigenderanire myiza hagati y’abantu ubwabo hamwe rero n’imigenderanire n’Imana. Akamo Musenyeri Salvator Niciteretse akaba yagateye urwo rwaruka mw’ihuriro ryarwo ku rwego rw’igihugu cose, ririko ribera i Muyinga guhera ku musi wa kabiri. Izo nyigisho zikaba ziremeshejwe n’abungere barongoye ama diyoseze katolika mu Burundi.
III. Bamwe mu banyagihugu bo mu ma quartier ya Nyakabiga na Jabe mu gisagara ca Bujumbura barafise amakenga ku bijanye n’imyimenyerezo ya gisirikare ikorwa mwijoro n’urwaruka rw’imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Abo banyagihugu bavuga ko badatahura kubona urwo rwaruka rukora iyo myimenyerezo kandi igihugu kiri mu mutekano. Bakagira amakenga ku mutekano wabo. Basaba ko iyo myimenyerezo yohagarara ku neza y’abanyagisagara.
IV. Umutama w’imyaka irenga 60 arapfunzwe kuva mu kwezi kwa gatandatu mu ntara ya Muyinga. Uwo bita Rashid yafashwe ahejeje guhunguka avuye mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru ava mu ncuti ziwe zikiri aho mw’ikambi avuga ko uyo mutama yafashwe n’iperereza, bakagiriza umwe mu mpunzi iraho mw’ikambi ko ari mu badodobereza abatahutse abanje gukorana n’iperereza ry’Uburundi.
V. Urugo rukikije umusigiti mw’ikambi ya Nyarugusu rwarabomowe kuri uyu wa gatatu. Amazu y’ubudandaji hamwe n’intebe zitari nke biraturirwa, ibidandazwa vy’ibinyobwa biraseswa. Ababikoze, ngo ni abapolisi b’igihugu ca Tanzaniya bafadikanije n’urwaruka rw’abasungusungu, na bamwe mu bakozi bakora mu biro vy’uwuserukira impunzi. Bamwe mu mpunzi bakabona ko ari itotezwa ry’impunzi z’abarundi rirabandanya mu gihugu ca Tanzaniya. Basaba ubutegetsi bw’ico gihugu kwikubita agashi, ahandi ho impera n’imperuka ico gihugu kizobibazwa.
VI. Abategetsi ba Tanzaniya bahamagarirwa guhagarika gutoteza impunzi z’abarundi. N’akamo gaterwa n’urunani rw’abarundi baharanira agateka k’impunzi ziba mu nkambi. CBDH-VICAR isaba ko ingendo yo kubuza izo mpunzi gukora akazi akari ko kose yohagarara. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani atera akamo leta ya Tanzaniya kwisubirako.