I. Amahoro n’umutekano birakwiye mu gihugu kiretse imigwi y’abasuma ivugwa mu bice bimwe bimwe. Ivyo vyaraye bishikirijwe kuri uyu wa kane, n’umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi, mu gihe yari mu ntara ya Makamba. Umunyepolitike Tatien Sibomana avuga y’ukwo ahubwo umutekano uri kure nk’ukwezi mu gihugu, kubera ubwicanyi bwabaye ndanse.
II. Imiryango irenga 20 yo muri zone Maramvya, muri komine ya Burambi, mu ntara ya Rumonge, irara ku kirindiro c’igisirikare iri kw’ishure ryisumbuye rya Kiganza, kuva kuri uyu wa gatatu. Bavuga ko bafise ubwoba ko bashobora kugandagurwa n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, inyuma y’aho zitemaguriye ku mugaragaro umwe mu batutsi bo ngaho nyene, ariko ntihagire na kimwe kivugwa.
III. Kubera ibitero vy’abitwaje ibirwanisho bimaze imisi mu gihugu, Leta ya Evariste Ndayishimiye iriko igwiza ibikorwa bigayitse vy’imbonerakure, mu kwica canke guhagarika abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Ibi biri mu cegeranyo urunani rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politique FORSC rwasohoye kuri uno wa kane. Kubwa Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa w’urwo runani, ngo ibintu vyifashe uko mu gihe umukuru w’igihugu na bamwe mu barongoye intara, bari bamaze imisi bashikiriza amajambo atanga icizere ko umutekano ugiye kugaruka mu gihugu.
IV. Inyuma y’amezi atatu aheze président General Major Evariste Ndayishimiye aramutswa igihugu, igisata c’agateka ka zina muntu carasubiye inyuma cane nkuko vyari bimeze k’uwo yasubiriye, Petero Nkurunziza. Ivyo bimenyeshwa na Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE. Ku bw’iryo shirahamwe, haribonekeje kandi ingeso yo kudahana no guha impigi abagirizwa ivyaha, mu kubaduza amapete n’ivyicaro vy’icubahiro.
V. Pacifique Ninahazwe aravuga kandi ko urwaruka rw’imbonerakure ishirahamwe ONU rivuga ko ari umugwi w’inkorabara zahawe ikibanza kidasanzwe, hamwe zisubirira n’inzego z’umutekano mu gukora amabi atandukanye, kandi ntibigere bahanwa.
VI. Ingene amatora amaze imyaka 15 atunganywa mu Burundi ntivyotuma umuntu yemeza ko ibisikanwa ku butegetsi bica muri demokarasi. Ivyo bivugwa na Tatien SIBOMANA avugira umugambwe Uprona utemewe n’ubutegetsi, mu gihe uno munsi uramutse wibuka imyaka 59 umaze utsinze amatora yashikanye Uburundi ku ntahe yo kwikukira. Arerekana ingene ayo amatora yo mu 1961 atari atunganijwe co kimwe n’uko ay’ubu atunganwa bitubahirije intwaro rusangi.
VII. Umugambi DAFI w’igihugu c’ubudagi ntuzorihira impunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Mulongwe, amahera y’ishure(bourse) kugira babandanye amashure yabo yisumbuye. Ibitakiriwe neza na bamwe muri izo mpunzi bari bariyandikishije. Bagasaba ishirahamwe HCR kubandanya babadodorera, kugira ngo na bo bashobore kubandanya amashure yabo yisumbuye.