Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/09/2023

Publié le 18 septembre 2023 par Rédaction
I. Amashure yo mu gihugu cose mu Burundi yatanguye kuri uyu musi wa mbere w’igenekerezo rya 18 Nyakanga umwaka w’ishure wa 2023 ushira uwa 2024. Ibirasi bishasha birenga 900 ni vyo vyubatswe mu gihugu, abarimu na bo barenga 2900 ni bo bahawe akazi muri uyu mwaka. Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n’umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye, François Havyarimana, mu birori vyo gutanguza uyu mwaka w’ishure vyabereye muri komine Bukinanyana y’intara ya Cibitoke. Akavuga ko leta yihaye ihangiro ryo gushika mu mwaka wa 2027 aho ikomine yose izoba ifise ishure ryo kwigisha ibijanye n’ubuhinga bwa none, kugira hatezwe imbere ubumenyi muri ico gisata.
II. Imyidogo ni yose mu muryango w’uwitwa Athanase Nduwingoma wo ku mutumba  Zingi Nyaruyaga muri komine Bugarama ni mu ntara ya Rumonge. Imvo nyamukuru akaba ari ukudindiza urubanza kwa sentare nkuru ikukira intara ya Rumonge rw’abantu babiri bo muri uyo muryango bagandaguwe haraciye umwaka. Sentare ikaba yashize urwo rubanza mu mwiherero haraciye amezi atatu ariko ntirurasomwa. Basaba ubutungane kubatunganiriza.
III. Abanyororo 168 baracavundiye mu munyororo kandi bamwe muri bo barahejeje iminsi yabo yo gupfungwa, abandi na bo bambikwa izera na za sentare. Ivyo n’ivyavuye mu matohoza ishirahamwe APRODH riharanira agateka k’abanyororo riherutse kugira. Iryo shirahamwe rikabona abo banyororo bariko bararenganywa, y’uko mu bisanzwe bategerezwa kuba bararekuwe bagasubira mu miryango yabo. Risaba ababijejwe kwikubita agashi bakarekura abo banyororo vuba bwango, atakirinze gusabwa. Pierre Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH.
IV. Haribonekeza ubukene bw’isukari mu gisagara ca Rumonge, ni mu ntara ya Rumonge. Amakuru ava muri ico gisagara, avuga ko isukari iheruka gutangwa ariko abanyagihugu bakagiriza abayirangura muri SOSUMO kuyitanga ku kimenyane, amasaha y’ijoro, kandi irengeje igiciro cashinzwe na leta. Basaba ko ico kibazo cotorerwa umuti.
V. Mu makuru y’inkino yaranze iyi ndwi twaraye dusozereye, inkuru yavuzwe cane n’ugusezera kw’Uburundi mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kuja mu nkino za nyuma z’igikombe ca Afrika 2023 zizobera muri Côte d’Ivoire. Uburundi bukaba bwatsinzwe na Cameroun ibitsindo 3 ku busa. Turagaruka no ku ngene inkino zabaye mw’ihiganwa ku rwego rw’igihugu zagenze ku ndwi igira gatanu.

Ibindi bisa n'ibi