Ingoro y’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa, yaraye ibomowe muri komine Muhuta y’intara ya Rumonge. Abayibomoye bakaba bataramenyekana nk’uko amakuru ava aho muri iyo komine abimenyesha. Mu bajejwe intwaro muriyo commune bemeza kw’ayo makuru atayo bafise.
Indongozi zine z’aba CNL, ziri mu mihingo itandukanye y’igihugu, ni zo Radio Inzamba yashoboye kumenya ko zafashwe zirafungwa mu misi itarenga itanu iheze. Bamwe murabo bakaba bafashwe batabwiwe ico bagirizwa, abandi na bo bakabwirwa ko ari ku mvo z’amatohoza. Amakuru dukura kubegereye indongozi z’umugambwe CNL muri komine Rutovu zitumenyesha ko Felix Nduwimana yahavuye arekurwa kur’uno wa gatanu.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu, FIDH, rivuga ko rirajwe inshinga n’ukwo ibintu bishobora kuyangara mu Burundi atagikozwe. Umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, Paul Nsapu, agahamagarira amakungu kuba maso kuko ngo uburyo abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi na cane cane abanywanyi ba CNL birukwako bidahumuriza.
Urunani CFOR rwiyemeje guharanira amasezerao y’i Arusha rubona ko ata matora yizewe na bose ashoboka mu gihugu mu gihe ibwirizwa nshingiro rishasha ryahamvye amasezerano y’i Arusha, rikumira bamwe mu banyepolitike. Ivyo biri mu cegeranyo c’umwihwezo urwo runani rwarungikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’amakenga rufise ku matora yo mu mwaka wa 2020. Chauvineau Mugwengezo arongoye urwo runani agatanga akarorero ku banyepolitike batarekuriwe kugira urunani kugira ngo baje mu matora, hamwe n’umutekano muke urangwa mu gihugu.
Umugambwe Sahwanya Frodebu ngo warakumiriwe mu gushiraho abagize umurwi w’urwego rwigenga rw’amatora mu ma komine. Ivyo n’ibishikirizwa na Pierre Claver Nahimana arongoye uwo mugambwe, aho amenyesha ko mu gihugu cose bafise abanywanyi batandatu gusa bashizwe muri uyo murwi. Ivyo akaba abishikirije inyuma y’aho kur’uno wa kane ariho hamanikwa intonde z’abagize uyo murwi ku rwego rw’ama komine. Pierre Claver Nahimana akavuga ko benshi mu bagize uwo murwi bava mu migambwe iri muri Leta bikaba ngo bigoye kwemera ko bazokora bigenga.
Nta na kimwe kizobuza sentare mpuzamakungu mpanavyaha gushengeza abo bose bagirizwa amabi akorerwa abarundi, bishikirizwa na Me Armel Niyongere, umwe mu bashingwamanza baburanira imiryango yabuze ababo mu ntureka zadutse mu Burundi kuva mu mwaka w’2015. Ivyo yabivuze mu gihe mu gihugu kibanyi c’u Rwanda hasozerewe inama y’imisi 2, yahuje abashingwamanza bo mubihugu vya Afrika iyo sentare yakoreyemwo.
Muri rya sekeza ryo gusigurwa ibiri mu masezerano yerekeye agateka ka zina muntu ku mu gabane wa Afrika ; uno musi dusigurirwa ingene igihugu citura umurwi wa afrika ujejwe agateka ka zina muntu. Ivyo bikaba biri mu ngingo ya 49 na 50 y’ayo masezerano. Umushingwamanza Gustave Niyonzima wo mu runani CAVIB arabica irya n’ino.