Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/10/2023

Publié le 18 octobre 2023 par Rédaction
  1. Urwandiko rw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano rutegeka abajejwe intwaro kwororora inkwavu nimuburiburi zitanu kuva kubajejwe intwaro hejuru gushika hasi, vyerekana neza ko uyo mugambi aruwigikenye kandi ataruwabanyagihugu. Ivyo bivurwa na Frederic Banvuginyunvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu arongoye urunani CEFOR ARUSHA. Kubwiwe iyaba ari umugambi ugenewe abanyagihugu si umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yari kuwusigura. Wari gusigurwa n’ubushikiranganji bujejwe igisata c’ubworozi. Kubwuwo munyepolitike, uwo mugambi nuw’umukuru w’igihugu ashaka kudandaza akabicisha mugukoresha abanyagihugu.
  2. Mu rukurikirane rwabafise ico bazi kw’igandagurwa ry’uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye n’ubwicanyi bwakurikiye mu mwaka w’1993, inyuma y’imyaka 30, ishirahamwe AC Génocide Cirimoso igisata ca Canada riracarindiriye ubutungane ku bantu bose bakorewe ubwo bwicanyi. Yishimikije amatohoza y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yemeje ivyabaye ico gihe kwari ihonyabwoko ryakorewe abatutsi, Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga wa AC Génocide Canada araremesha ababuze ababo ko impera n’imperuka bazoronka ubutungane.
  3. Imyidogo ni myinshi mu bakozi bita aba SOUS CONTRAT bo mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bakorera mu ntara ya Makamba. Bidoga bavugako imishahara yabo batarayinganisha niyabandi banganya impamyabushobozi nkuko ubwo bushikiranganji bwabitegekanije. Basaba abarongoye amagara y’abantu muri iyo ntara gukurikirana ico kibazo.
  4. Naho mumakuru ajanye nibidukikije, dukubitire mw’ikambi y’impunzi z’abarundi i LUSENDA muri Republika iharanira intwaro rusangi ya KONGO aho amazu arenga 300 yabomowe n’imvura mur’iyi misi ibiri. Izo mpunzi zigatangazwa n’ingene gushika ubu atabategetsi baraja kuraba ivyabaye, zikavuga ko ziri mu kangaratete.
  5. Umutumire wo mu makuru: Emmanuel NKURUNZIZA, umunyamabanga wa AC GENOCIDE CANADA.

Ibindi bisa n'ibi