Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/11/2020

Publié le 18 novembre 2020 par Rédaction
I. Imbonerakure ngo zitegerezwa kuguma zikora ibikorwa vyo gukizura, kugira zicungere umutekano. Ako ni ko kamo zatewe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, igihe hariko harugururwa indwi yahariwe abarwanyi ihimbazwa n’umugambwe CNDD-FDD. Ariko rero iryo jambo riraraje ishinga abaharanira agateka ka zina muntu. Pacifique Nininahazwe yibutsa ko imbonerakure zizwi nk’umugwi w’inkorabara, nkuko vyemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Akabona ko ivyo bishobora gutuma haba ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, bivuye kuri ako kamo.
II. Umugwi wishinze kuburanira abagirirwa ivyaha vyo kuborezwa igufa muri Afrika bwashikirije ivyagiriji ku Burundi, umugwi wa ONU urwanya kuboreza igufa kiremwa muntu. Uwo mugwi wagiriza leta y’Uburundi ko yahonyanze ingingo ziri mu masezerano mpuzamakungu arwanya kuborezwa igufa, Uburundi bwateyeko igikumu, uyo mugwi ugafatira ku bantu baborejwe igufa n’inzego za leta kuva mu 2015. Isidore Collins NGUELEU n’umuhanuzi mu bijanye n’agateka ka muntu ku mugabane wa Afrika, mw’ishirahamwe mpuzamakungu rirwanya kuboreza igufa OMCT.
III. Umwigisha yitwa Habonimana Léonard yigeze kuba umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Kankima, muri komine Mugongo-Manga y’intara ya Bujumbura, yarafashwe n’igipolisi c’iperereza ku mutaga wo kuri uyu wa kabiri uheze. Igipolisi c’iperereza camukuye kuri iryo shure, aho yariko arigisha, nk’uko amakuru ava i Kankima abivuga. Bikavugwa ko yoba yafashwe kugira bamukoreko amatohoza. Abanyeshure n’abigisha bo kuri iryo shure bakaba batekewe n’ubwoba kuko batazi ico yoba yarafatiwe.
IV. Ukudakorera amabarabara, ugukorwa nabi hamwe n’ibiturire, ni vyo bituma amabarabara y’igihugu c’Uburundi atamara kabiri. Bivugwa n’umuhinga mu vyo kwubaka amabarabara. Abivuze mu gihe ibarabara rya Bugarama-Gitega ridahita, kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, kuko ryacikiye ku birometero hafi bitatu uva i Bugarama uja i Gitega. Uwo muhinga agasaba Leta kugwanya igiturire ku neza rusangi. Yahinduwe ijwi ku mvo z’umutekano.
V. Déogratias Nsanganiyumwami, umushikiranganji w’ibikorwa vya leta yishikiye aho ibarabara Bugarama–Gitega ryacitse, yamenyesheje ko bagiye kurikora vyihuta, kugira uruja n’uruza rubandanye. Abahinga bakaba batanze ikiringo c’indwi imwe kugira ibarabara mfatakibanza ribe ryaheze.
VI. Iyugururwa ry’amashure yo mu Rwanda ryakiriwe neza n’abanyeshure b’ipunzi z’abarundi, baba mu gisagara ca Nyamata, mu karere ka Bugesera, co kimwe n’abavyeyi babo. Ivyigwa vyari bimaze hafi amezi umunani vyarahagaze, kubera ikiza ca coronavirus. Iyo ngingo yo gusubira gutonda kw’ishure ikaba yaje, yatumye abanyeshure bari bashashaye gusubira kwiga, biruhutsa. Yabaye n’umunezero ku bavyeyi babo nabo bari bafise ingorane yo kubakurikiranira muhira.

Ibindi bisa n'ibi