-
Abasirikare b,uburundi bari murwego rwa tafoc bahanganye n’umuhari m23 baraye bongerejwe. Bataillon y’indwi yari imaze indwi zirenga zitatu mu nkengera z’igisagara ca Bukavu mu ntara ya Kivu y’epfo baraye basanze bagenzi babo bo muri tafoc na Eac mu gisagara ca Goma. Abasirikare b’u Burundi Bari muri Kivu ya ruguru bakaba ariko bafise amakenga kwitunganywa ry’ibikorwa barimwo cane cane Ku bijanye n’uburyo bakoresha hamwe n’amategeko abagenga.
-
Abanyororo bo mw’ibohero ry’intara ya Rutana baridogera ababarongoye muriryo bohero ko babatangisha amahera y’urutavanako. Amakuru radio inzamba ikura muriryo bohero avuga ko abanyororo bashasha batangishwa kunguvu amahera ava kubihumbi 50.000 vy’amarundi gushika kubihumbi 300.000 vy’amahera y’amarundi kugira baronke icumba co kuryamamwo.
-
Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku ndwi yahariwe abarwanyi iriko ihimbazwa n’umugambwe CNDD-FDD kuva ku musi wa kane.
-
Ivyanditswe nibinyamakuru bitandukanye ku Burundi