Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/12/2019

Publié le 18 décembre 2019 par Rédaction

I. Amahoro n’umutekano ngo n’umusesekara mu Burundi gushika ku bice 97 kw’ijana, ndetse ngo n’ubutunzi bwariyongereye gushika cane uyu mwaka. Ivyo bivugwa na Alain Diomède Nzeyimana, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, n’inyuma y’inama yakoreshejwe na Petero Nkurunziza ku barongoye intara zose, kuri uyu wa gatatu. Ariko ku bwa Frederic Bamvunginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’iguhugu, ngo iyo mvugo ya Petero Nkurunziza irahushanye cane n’ibiriko biraba mu gihugu.

II. Joseph BUTORE wewe, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ntanyegeza ko hari ibihanze igihugu. Joseph Butore yabishikirije mu gihe yariko arashikiriza inama nshingamateka ivyaranguwe mu vy’ubutunzi muri aya mezi 6 aheze n’ubushikiranganji arongoye ku rwego rwo hejuru.

III. Ibinyobwa vya Brarudi nk’amafanta na Amstel ndende, bimaze imisi bikenye mu gisagara ca Rumonge, aho bibonetse na ho bikazimba cane. Ababicuruza bakavugako muri Brarudi batabibaha. Abihereza ivyo binyobwa bagasabako vyoboneka kuko binakenerwa, cane cane muri ino  misi mikuru y’ugusozera umwaka yimirije.

IV. Uyu musi ugize  uwa 58 abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu Christine Kamikazi, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI, Egide HARERIMANA batawe mu mvuto, umushoferi wabo Adolphe MASABARAKIZA we yahavuye atezurirwa na sentare ya komine Ntahangwa y’igisagara ca Bubujumbura, igisata c’iyungururizo, Iyo sentare kandi akaba ariyo yafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo abo bagenzi bacu. Icariho c’umushikirizamanza muri parake ya  Bubanza, Jean Marie Vianney NTAMIKEVYO,  akaba ariwe yabashizeko icaha co gufatanya n’abashaka guhungabanya umutekano mu gihugu igihe haba igitero muri komine Musigati y’iyo ntara ya Bubanza. Bahagaritswe ku wa  22 Gitugutu, bariko bagana muri komine Musigati gutohoza inkuru zijanye n’imishamirano hagati y’umugwi witwaje ibigwanisho n’abajejwe umutekano. Kuva ico gihe, abatari bake baraneguye ifatwa ryabo. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru, abaharanira  agateka kazina muntu, eka n’abanyepolitike mu gihugu n’amakungu ntibahengeshanya gusaba ko abo bamenyeshamakuru b’IWACU borekurwa.  

V. Amezi 4 niyo aheze, abarimu bigisha abana b’impunzi mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo, bataronswa umushahara. Aho ni mugihe baraye batanguye uburuhuko, bakababazwa no gutangura ubwo buruhuko bw’imisi mikuru iheza umwaka, ataco babona bagiye gusahiriza imiryango yabo.

VI. Abarundi bahahungiye begeranirijwe mu makambi ya Mulongwe na Lusenda, ubu ngo bariruhutsa kubona basubira kuronswa amafranga yo kugura ibifungurwa. Naho biri uko, bakaba bafise amakenga mu gihe bari bamaze amezi abiri yose bataronswa ayo mafranga. Bagasaba ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa kugerageza kuronsa izo mpunzi, ibifungurwa hakiri kare kuko atahandi bakura ivyo gufungura.

VII. Amakuru avurwa mu gisata c’impunzi z’abarundi tuyarangirize mu gihugu ca tanzaniya hari mw’ikambi ya Nduta, aho naho nyene havurwa agakuru keza, Impunzi z’abarundi zirenga ibihumbi bitatu (3000) bararonkejwe impapuro z’impunzi mw’ikambi, bamwe muri bo bakaba baranahawe indangamuntu z’impunzi. Bakaba bari bamaze hafi imyaka ibiri mw’ikambi ya Nduta banditswe mu basaba ubuhungiro. Bavuga ko bari babayeho mu buzima bubi kuko hari ivyo bataronswa mu bigenewe impunzi.  

VIII. Umushikiranganji Pélate Niyonkuru yafashe ingingo yokubogoza uwurongoye ishirahamwe rya basketball mu Burundi, Kararuza Augustin , Sef Sabushimike akayirongora vy’imfatakibanza. Iyo ngingo ku bwa Désiré Hatungimana akurikiranira hafi ibijanye n’inkino, ngo ntije gutora umuti w’amatati arangwa muri iryo shirahamwe, ahubwo ishobora gutuma Uburundi bufatirwa ibihano na rirya amashirahamwe mpuzamakungu y’inkino atemera ko politike yivanga mu nkino. N’aho Kararuza atera mu vyo yagirizwa, umushikiranganji siwe yategerezwa gufata iyo ngingo yokumukumira.   

IX. Hari Ikiziga c’umuhungu w’umusore w’imyaka yababa 20, catowe kumuhingamo w’ejo ku munsi wa kabiri ku nkengera z’uruzi Dama, muri komine Buyengero, intara ya Rumonge. Akarangamuntu kiwe kerekana ko yitwa Nibitanga Désiré avuka mu ntara ya Gitega. Abajejwe intwaro muri komine Buyengero bakaba baciye batanga itegeko ryo guhamba ico kiziga.

Ibindi bisa n'ibi