Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/01/2021

Publié le 19 janvier 2021 par Rédaction
I. Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA yahoze arongoye umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR, yashinguranywe iteka kuri uyu musi wa kabiri. Jean-Louis NAHIMANA yitavye Imana ku wa 7 Nzero uno mwaka, inyuma y’indwi arwariye mu bitaro vya BUMEREC mu gisagara ca Bujumbura. Musenyeri Jean-Louis akaba yari yaronse ubu patiri mu mwaka 1992. Yitavye Imana yarasanzwe arongoye paruwasi Sainte famille yo mu Kinama, mu gisagara ca Bujumbura.
II. Umwe mu banyagihugu baheruka gufatwa n’igipolisi muri komine Burambi y’intara ya Rumonge, yaraye yishwe arashwe ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere, inyuma y’iminsi itanu ari mu minwe y’igipolisi. Amakuru ava i Burambi akavuga ko yishwe ahejeje kwerekana ahantu hoba hari hanyegejwe inkoho, mu gace kitwa Mwiri, ka zone Maramvya muri iyo komine nyene ya Burambi. Abanyagihugu b’i Burambi bari berekanye amakenga bafise ku mutekano w’abantu bafashwe n’igipolisi.
III. Kubwa Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, ubwo n’ubwicanyi ndengerabutungane, kuko umuntu yashitse mu minwe y’abajejwe umutekano yari gushikirizwa ubutungane, bukamucira urubanza. Ngo ubutegetsi ni buve mu gacerere bwerekane ingene abo bantu bishwe.
IV. Hari ikiziga c’umugabo kiriko kirononekara, catowe kuri uno wa mbere inyuma ya sasita ku mutumba Rushemeza, imbwa zatanguye kumurya. Abajejwe intwaro bakaba bataramenya umwidondoro w’uwo muntu.
V. Muganga Thaddée Ndikumana, icegera c’uwurongoye umugwi w’igihugu ujejwe kurwanywa ikiza ca Corona, asaba abarundi kumenya ko iyo ndwara ata soni iteye, uwumva ibimenyetso akaja kwipimisha hakiri kare ntihagire uwuvura. Thaddée Ndikumana arahumuriza abanyagihugu ko reta itareze amaboko, ariko ko gukurikiza amabwirizwa reta yatanze ari ngombwa.
VI. Imyidogo ni myinshi kuri bamwe bamwe mu bagize   ama komite ajejwe iterambere ry’amagara y’abantu muri Komine ya Gashoho, mu karere k’ubuzi ka Gashoho nyene,  inyuma yaho Rusehabaniha  nshasha yahawe akarere k’ubuvuzi ka Gashoho igiriye isanganya haraciye indwi 2, bivuye ku bugaba bw’umushoferi wayo, nkuko amakuru radio Inzamba yakuye mu Gashoho avyemeza. Bamwe mu bari muri ayo ma komite ajejwe iterambere ry’amagara y’abantu, bagasaba ko akazi ko kugendesha za Rusehabaniha kohabwa ababishoboye, kandi bafise akarangamutima k’igikorwa bahamagariwe gukora, aho gushira imbere ka mwana wa Mama. Isoko rya radio Inzamba rikamenyesha ko mu gihe cose abatanga akazi ko gutwara za Rusehabaniha  batazoshira imbere ubumenyi n’uburambe mu kazi,  ingorane z’ubukene bw’imodoka zunguruza abarwayi buzokwamaho, ngo kuko n’izibonetse zimara umwanya urume rumara, bivanye n’ukwo abahabwa akazi  bamwe bamwe ko kuzitwara, ata muhamagaro baba babifitiye.

Ibindi bisa n'ibi