I. Abasirikare b’Uburundi bajabutse mu gihugu ca Congo ku musi w’Imana no ku wa mbere babanje guhabwa amafranga arenga gato ibihumbi 80 mu mafranga y’amarundi umwe umwe. Bongera bahabwa n’impuzu za gisivire, ipantalon, agapira hamwe n’ikoti y’imbeho. Abo basirikare bakaba bagiye gusangayo abandi bamazeyo ukwezi kurenga, aho bavuga ko bajanywe no gutuza imigwi y’abarwanyi b’abarundi irangwa mu buseruko bwa Congo mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko.
II. Kuri uno wa kabiri, impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi ya Lusenda zarasubiriye kurangura ibikorwa vyabo mu mirima iri hafi y’ikambi. Ariko izo mpunzi zivugako zigifise ubwoba kuko abagizi ba nabi b’aba Maï-Maï ari na bo batumye ivyo bikorwa bihagarara, baguma bakizura ku misozi iri hafi yiyo kambi ya Lusenda. Izo mpunzi zibazako abo Maï-Maï bashobora kuza gusubira guhungabanya umutekano wabo.
III. Impunzi z’abarundi zo mu makambi ya Mulongwe na Lusenda muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo zirageramiwe n’ikiza ca Malaria kuva hagati mu kwezi kwa Kigarama guheze. Biri mu matohoza aheruka gukorwa n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC. Muri site ya Mulongwe, abagera kuri 80 barafatwa n’iyo ndwara ku musi, na yo mw’ikambi ya Lusenda haharurwa 145 bandura ku musi. Kudafungura bikwiye ngo ni vyo vyoba bisongera isibe kuri iyo ndwara. Ernest Nkurunziza n’umunyamabanga nshingwabikorwa mu runani FORSC.
IV. Umugwi CNDS, washinzwe kugira uhuze mu biganiro abakozi n’abakoresha bari mu matati waraye ukoze akazi washinzwe, mu kwumvikanisha abigisha na leta ku vyo badahurizako. Bishikirizwa na Eulalie Nibizi yahoze arongoye sendika STEB y’abarimu mu Burundi. Ashima kandi ko uyo mugwi urongowe n’umuntu yigeze kurongora igihugu na vyo nyene bitanga umwizero. Eulalie Nibizi agasaba ko n’izindi ngorane zisanzwe zugarije igisata c’indero zoganirwako mu maguru masha. Tubibutse ko uwo mugwi CNDS kuri uyu wa gatatu wamenyesheje ko abarimu n’ubushikiranganji bw’indero bumvikanye ko ibibazo vyohabwa abarimu bibangiriwe, abarimu nabo bakaba baciye bahagarika gutegura yegereyegere.
V. Umunyeshure wo kw’ishure nshingiro rya Rukinga ya gatatu yarateshejwe ishure na Jackson Niyomwungere umuyobozi w’iryo shure, kuko yamutwaje inda. Uyo muyobozi yamubeshe ko bagiye kubana ariko mu nyuma yahavuye amuta. Abo mu muryango w’uwo mwigeme basaba ko uyo muyobozi yokurikiranwa n’ubutungane akanabogozwa muri ayo mabanga.
VI. Hari umupfungwa aheruka guhohoterwa araborezwa igufa na mugenziwe asanzwe ajejwe umutekano w’abafungwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi, muri bamwe basanzwe bitwa abakapita, ivyo bikaba vyiyamirizwa na Germain Rukuki arongoye ishirahamwe ryishinze gushigikira abaharanira agateka ka zina muntu. Kubwiwe, umutekano w’abapfungwa ukwiye gukurikiranwa n’abapolisi ku bwabo kuko ari co gikorwa bajejwe, arongera agasaba ko amategeko agenga abapfungwa bari mw’ibohero yomanikwa ku mpome zose ziri mw’ibohero mu ntumbero y’uko atowosubira kurenganywa.
VII. Ubukene bw’isukari bwibonekeza mu makomine yose agize intara ya Muyinga kuva mu mpera z’ukwezi kw’icumi umwaka wa 2021, buraraje ishinga imiryango isanzwe iyikenera. Nk’ukwo amakuru ava mu baguzi bamwe bamwe avyemeza, muri kino gihe aho ibonetse ikaba igurwa mu mpisho amafaranga ibihumbi 5000 ku kiro.
VIII. Ibihugu 7 ni vyo bimaze kuronka uburenganzira bwo kuja mu nkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma mu nkino za Afrika ziriko zirabera mu gihugu ca Cameroun. Na vyo ni Cameroun, Burkina Faso, Sénégal, Guinée, Maroc, Gabon na Nigeriya. Kuri uno wa gatatu, hari inkino zibiri ziza kuba isaha zitatu z’ijoro. Guinée Bissau izagukina na Nigeriya, Misiri ikine na Sudani. Misiri itsinze ica ihamvya ivyo bindi bihugu indwi. Ku musi w’ejo naho hari inkino zine. Isaha cumi na zibiri Sierra Léone izokina na Guinée Equatoriale, Algeriya itane mu mitwe na Côte d’Ivoire. Algeriya idatsinze izoba isezeye amahiganwa. Isaha zitatu z’ijoro Mali izokina na Mauritanie na yo Tuniziya itane mu mitwe na Gambiya. Inyuma y’izo nkino, ibihugu 16 bizokina inkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma vyose bizoca bimenyekana. Inkino z’ico gice zizoca zitangura ku musi w’Imana.