I. Ikiziga c’umuntu w’umugabo caratowe ku muhingamo wo kuruyu wa gatatu ku mugwa mukuru wa komine n’intara Makamba. Uwo mugabo azwi kw’izina ry’itazirano rya Désiré, ikiziga ciwe catowe camaze kwononekara nk’ukwo amakuru dukura muri quartier Makamba ya 1 abivuga. Uwo yahoze mu gisoda ca kera aturuka muri zone Bwiza, ngo bakaba batamenye icamuhitanye kuko yibana mu nzu, mbere n’abo babana hafi ngo bakaba batari baziko aba muri iyo nzu ico kiziga catowemwo. Abatabaje ngo bakaba babimenye kubera akanuko, bamaze kuraba niho batabaza abajejwe intwaro, na bo baraheza bikora kw’ishirahamwe croix rouge baca baramushingura. Tubamenyeshe ko ikindi kiziga c’umuntu w’umugabo caheruka gutorwa caciwe umutwe ku mugwa mukuru wa komine Nyanza-lac muri Kigarama uwu mwaka uheze. Ico naco nyene kikaba kitamenyekanye.
II. Umugambwe CNDD-FDD uzogira ikoranira kaminuza ryawo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 Nzero i Gitega, ku murwa mukuru wa politike. Iryo koraniro rishitse mu gihe hibonekeza ukutumvikana gukomeye hagati y’ibihangange vy’uyo mugambwe. Aho bamwe, bari kumwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, bipfuza guhindura ingene bamaze imyaka 18 batwaye igihugu, abandi batwawe na Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe, nabo banana.
III. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yarafashe kuri uno wa kabiri ingingo yo gufuta amafranga yahora atozwa ku gituro kiri kw’isoko y’abigenga yitwa Rwagura Supermarket, mu gisagara ca Rumonge. Iyo ngingo ikaba yafashwe kuri uno wa kabiri mu nama umushikiranganji yagiranye n’abakoresha ico gituro, aho bavuga ko bashimye iyo ngingo.
IV. Hari abakozi 2 b’ibitaro vya Nyanza-lac hamwe na 3 bakora akazi ko gucungera ivyo bitaro, baraye ijoro rya mbere mu gasho ka parquet ya Makamba. Bafashwe inyuma yo gukurwa ku kazi n’uwurongoye ivyo bitaro Ernest Uwezo, aho akibazana mu gitondo co kuri uyu wa gatatu yababwira ko baje kumubera ivyabona mu matati y’ubusuma bwaheruka kubera kuri ivyo bitaro inyuma yaho atumweko na parquet ya Makamba ngo aje kwisigura. Abakozi bo kuri ivyo bitaro bagasaba ko bagenzi babo borekurwa kuko ubwo busuma ataco babuziko.
V. Hari indwara z’ibiterwa zibangamiye imirima y’impunzi mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ya Lusenda muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Izo ndwara zibangamiye cane cane ibitoki n’ibigori, mu gihe ivyo biterwa ari vyo vyahora bisahiriza impunzi mu kurindira ko imfashanyo ya HCR iboneka. Basaba amashirahamwe akorera muri iyo kambi kubafasha kurwanya izo ndwara, ahandi ho bashobora kwicwa na kigoyi.