Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/02/2021

Publié le 19 février 2021 par Rédaction
I. Umuntu umwe yarapfuye, abatari bake barakomereka; isengero katolika n’amashure abiri nshingiro nayo arabomagurika mu mvura ivanze n’umuyaga yaguye kuri uwu wa kane. Ivyo vyabereye mu Kibumbu, muri komine ya Kayokwe iri mu ntara ya Mwaro. Abashikiwe n’ayo magume basaba imfashanyo yihuta.
II. Hari umunywanyi wo mu mugambwe UPRONA wo mu rwego nshingwabikorwa amaze indwi apfungiwe mu gasho k’iperereza mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru radiyo Inzamba ifise yemeza ko Roger Gateretse yafatiwe ku rugo iwe ku musi wa gatanu n’abajejwe iperereza, barikumwe n’umwe mu banywanyi b’umugambwe, kw’itegeko ry’uwurongoye umugambwe Abel Gashatsi. Amakuru atangwa na bamwe mu banywanyi b’umugambwe UPRONA avuga ko ata na kimwe ariko arazira uretse agatotezo ariko akorerwa na Abel Gashatsi.
III. Ifungwa ry’imbonerakure y’i Makamba yahoze ikora ku bitaro vy’aho i Makamba rirateye icuka kibi hagati ya parquet ya Makamba n’abarongoye umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Makamba. Iyo mbonerakure yitwa Léonidas Nijimbere, batazira Gitenge, yafunzwe kuwa 28 Kigarama 2020, inyuma y’aho yarahejeje gufatanwa imiti yarahejeje kwiba ku bitaro. Ubuyobozi bw’ibitaro bwoba bwaragerageje kugira iyo mbonerakure irekurwe ariko ntivyakunda.  Abakozi bo ku bitaro vy’I Makamba bakaba basaba umushikirizamanza akukira sentare nkuru ya Makamba kubandanya amatohoza, kugira barabe ko ubusuma bwohagarara kuri ivyo bitaro.
IV. Inyuma yaho kuri uno wa kane hasambuwe amazu y’ubudandaji mu ma karitiye amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura, kuri uno wa gatanu umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Ndirakobuca Gervais yatanze umuco. Amenyesha ko ata na hamwe yigeze avuga ko ayo ma boutike yo kwiyungunganya asamburwa. Yaboneyeko no kugabisha abubatse mu bibanza rusangi.
V. Sentare isubiramwo imanza y’i Versailles mu gihugu c’Ubufaransa kuri uno wa gatatu yarashashe mu rubanza rw’umuryango wa Gabriel Mpozagara, yahoze ari umukozi akomeye mw’ishirahamwe mpuzamakungu UNESCO. Uyo muryango ukaba wagirizwa n’ubucamanza bw’ico gihugu guhohotera kiremwa muntu, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru co mu Bubiligi La libre Belgique. Ico kinyamakuru kikavuga ko ari ubugira kabiri sentare y’Ubufaransa icira uyo muryango urubanza bene urwo.

Ibindi bisa n'ibi