I. Hari ikiziga c’umwana w’umukobwa caraye gitowe ku murwa mukuru w’intara ya Karusi. Nk’ukwo vyemezwa n’abajejwe intwaro muri iyo ntara, uwo mwana yiga mu mwaka wa mbere, asanzwe aba mw’ikambi y’abateshejwe izabo, umuryango wiwe wemeza ko yari yarabuzwe irengero, haraciye indwi. Uwo mwana bikaba biboneka ko yabanje gusambanywa. Aho nyene mu ntara ya Karusi mu ndwi iheze, hari ikiziga c’umukobwa w’imyaka 19 yatowe ikiziga ku nkengera z’uruzi Ndurumu muri komine Buhiga aho mu ntara nyene ya Karusi.
II. Abarundi baba mu gihugu c’Ububiligi no mu micungararo yaco, bagize imyiyerekano kuri uno wa gatandatu i Bruxelles, mu ntumbero y’ukwiyamiriza ubwicanyi n’ayandi mabi bikorwa n’intwaro ya Evariste Ndayishimiye. Mw’ijambo ry’uyu musi, Ferederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha yamenyesheje ko ata barundi bigeze banka ko umugambwe CNDD-FDD utwara, ico banse ni intwaro mbi, iryanisha abarundi igahonyanga n’agateka ka zina muntu.
III. Gukomeza imigenderanire hagati y’ibihugu vya Bulaya na Afrika mu gufatana mu nda, mu bijanye n’umutekano hamwe no kwitaho igisata c’ubutunzi, ivyo ni bimwe mu vyemejwe n’abakuru b’ibihugu bo ku mugabane wa Afrika na Bulaya. Hari mu nama ya 6 yabereye mu Bubiligi, ikaba yasozerewe kuri uyu wa gatanu. Mu bindi bize harimwo igisata c’amagara y’abantu, indero no gucungera neza imipaka, nk’ukwo biri mu rwandiko rwasohotse mu mpera z’iyo nama.
IV. Kuri uyu wa gatandatu ni ho hatunganywa amatora y’abaja mu nama mpanuzwajambo y’urwaruka ku mitumba muri komine Giharo intara ya Rutana. Abanyagihugu bo muri iyo komine bakaba batashimishijwe n’itunganywa ry’ayo matora; bakamenyesha ko abashaka kwitoza batari mu muganbwe CNDD-FDD bakumiriwe n’abarongoye umugambwe muri iyo komine. Abashaka kwitoza baraterwa ubwoba, bagasabwa kuva mu matora. Batunga urutoke Rénovat Hakizimana arongoye umugambwe CNDD-FDD muri komine Giharo ko ariwe yabatoteza.
V. Imyaka 20 yo gupfungwa ni yo yaciriwe kuri uyu wa gatanu umugabo yishe umugore wiwe ku mutumba Gahwazi ya mbere, muri komine mpanda mu ntara ya Bubanza, mu rubanza rw’ikibiriraho. Bosco Kamaro yishe umugore wiwe amucumise imbugita mw’ijoro ryo kwa 12 Ruhuhuma. Sentare ya Bubanza yategetse kandi ko ibintu vyiwe bifatwa kugira bizofashe kwigisha abana batatu bavyaranye n’uyo muhisi.
VI. Bamwe mu muryango wa Désiré Nduwayo basaba ko yorekurwa akabanza kuvuzwa. Uwo munyagihugu wo muri zone Kabonga, komine Nyanza Lac, intara ya Makamba yarakubaguwe italiki 8 z’uku kwezi n’abanywanyi bane b’umugambwe CNDD-FDD. Bamwagiriza kuba yaratutse bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure, rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Abo bagabo bane barafashwe inyuma y’imisi mike, ariko ku bw’umuryango w’uwo yakubaguwe aho ingorane iri n’ukwo nawe yafashwe, akaba afunzwe.
VII. Désiré Nduwayo ntiyategerezwa kuba apfunzwe. Ishirahamwe rukristu rirwanya isinzikarizwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu ACAT-Burundi, ribona ko aho gupfungwa yari kuba ariko aravuzwa. Jean-Claude Ntiburumusi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, arerekana ingene hari ibimenyetso vyerekana ko n’abamukubaguye bamukurako agashambara bashobora kudateba kurekurwa.
VIII. Mu kiganiro Kw’Isôko c’urunani rw’amaradiyo RPA, Inzamba n’imboneshakure Renaissance, c’uyu munsi, tuza kugaruka ku cegeranyo c’umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu caneguwe n’inama nshingamateka.