Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/03/2021

Publié le 19 mars 2021 par Rédaction
I. Umugwi CVR ujejwe kumenyekanisha ukuri n’ukunywanisha abarundi urashima ingene igikorwa co kuzura ibisigarira vy’abantu bishwe mu ntara ya Bururi mu mwaka wa 1972 cangenze. Uwo mugwi uvugako amagufa y’abantu arenga igihumbi n’amajana ane yatowe mu binogo rusangi cumi na kimwe. Pierre Claver Ndayicariye arongoye uwo mugwi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, yavuze ko umugwi CVR wakoranye neza n’izindi nzego zitandukanye.
II. Igikorwa c’umugwi CVR ujejwe kumenyekanisha ukuri no kunywanisha abarundi ntaco umariye abarundi bari bawitezeko kumenya ivyabaye, ariko ukaba uriko urashira mu ngiro intumbero y’umugambwe CNDD-FDD. Iyo ntumbero nayo ngo n’iyo kunyegeza ukuri, mu gihe uyo mugwi ushaka kwerekana ko indyane zo mu 1972 zahitanye abahutu gusa. Ivyo bishikirizwa n’umwigisha Charles Nditije arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi.
III. Hari grenade yatewe kuri uyu wa kane mu gisara ca Gihanga, ni mu ntara ya Bubanza, aho bita kuri centre hari hafi y’igihe c’isaha zibiri z’ijoro. Iyo grenade ikaba yakomerekeje ku kuguru Ndikumana Viola w’imyaka 25. Ubwo nyene akaba yaciye ajanwa kuvurirwa ku bitaro vy’aho i Gihanga nyene. Hakaba hari amakuru avuga ko yarasanzwe afitaniye ingorane n’umwe mu basirikare bo mw’ibataillon ya 212, azwi kw’izina rya Ntawukenashaka Jean. Abiwe bakikeka ko ari naco coba catumye aterwa iyo grenade. Hakaba hari n’uwumaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.
IV. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Rumonge barafise amakenga ko ikiza c’umugera wa corona gishobora kurandagata muri ico gisagara, kizanywe n’abava hanze y’igihugu. Babishikiriza mu gihe abazana ibidandazwa babivanye mu gihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo, babareka bakinjira mu banyagihugu basanze aho, bakamarana n’umwanya utari muto. Bagasaba abajejwe ikivuko ca Rumonge hamwe n’abajejwe intwaro gufata ingingo zituma amagara y’abantu akingirwa, na rirya ata buryo bwo kwikingira bakoresha.
V. Imigirwa n’ibintazi biri mu gihugu bikwiye guhanwa kugira bituzwe mu mibereho y’abarundi. Ivyo ni ibisabwa n’umuhinga mu vyigwa vy’imibano n’indero Professeur Paul Nkunzimana, inyuma y’aho hatowe ibisigarira vy’abantu bazize ububisha bufatiye ku kwemera ibintanzi muri komine ya Bugabira, mu ntara ya Kirundo. Uyo yahoze arongoye igisata ca kaminuza y’Uburundi ciga ivy’inyifato y’abantu n’indero, asigura kandi ko Leta ariyo yofata iyambere mu kwigisha abarundi, bakavavanura n’iyo migirwa n’ukwemera ibintazi biri mu gihugu.
VI. Abanyeshure n’abavyeyi barereye kw’ishure ryisumbuye rya Lycée Gatara iri mu ntara ya Kayanza, baridogera abarongoye iryo shure kubera akarenganyo bakorerwa mu gutangishwa inyungu ku mafaranga y’ishure mu gihe baba batayarihiye ku gihe. Aha rero ngo uko ukwezi guheze, umunyeshure atangishwa amafaranga y’inyungu angana n’ibihumbi cumi.

Ibindi bisa n'ibi