III. Isubirizwa ry’abasirikare barenga igihumbi bageze mu zabukuru ngo rikwiye kuba hisunzwe ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i Arusha. Ico ni icifuzo ca Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD Zigamibanga. Akaba afise amakenga y’ukwo abo basirikare bagizwe aha nini n’abahoze mu gisirikare ca kera bita ex-FAB, bashobora gusubirizwa hatubahirijwe ibitigiri vyerekeye amoko, nk’ukwo bitegekanijwe n’ayo masezerano y’i Arusha mu nzego z’umutekano.
IV. Imyidogo ni yose ku biyunguruza bava mu ntara ya Rumonge baja mu zindi ntara, no mu gisagara ca Bujumbura, biturutse kw’iduzwa ry’ibiciro vyo kwiyunguruza vyabaye umurengera. Ku ruhande rw’abajejwe intwaro, buramatari w’intara ya Rumonge agabisha abaduza ibiciro ko uwuzofatwa azocibwa ihadabu yongere afatirwe n’imodoka.
V. Impunzi z’abarundi zo mw’ikambi ya Lusenda muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo zimaze imisi ziterwa ubwoba n’umugwi w’aba Maï-Maï, ubabwira ko ataho bataniye n’abansi bawo bo mu bwoko bw’abanyamulenge. Izo mpunzi zisaba ishirahamwe HCR, canke abandi bagiraneza kuzimurira ahandi hari umutekano.
VI. Nta mvo n’imwe yosigura amabi ariko arakorerwa impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi. Ivyo bishikirizwa n’urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi, CBDH-VICAR. Urwo runani ruvuga ako ata muntu n’umwe yozira uko asa. Léopold Sharangabo, ni icegera c’uwurongoye urwo runani.
VII. Ururimi kavukire ni wo mushinge w’iterambere. Vyashikirijwe kuri uno wa kabiri n’umushikiranganji w’indero François Havyarimana, mu gihe bariko barahimbaza umusi wahariwe gutsimbataza ururimi kavukire. Yasavye abarundi guha agaciro ururimi rwabo rukoreshwa muri vyose na hose. Uwo musi mpuzamakungu usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma uko umwaka utashe.