I. Umuntu umwe yarishwe aciwe umutwe n’abantu bitwaje imipanga mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri, muri komine n’intara ya Bururi. Muri iyo komine nyene, hatowe ibiziga bibiri bimaze kwononekara, mu gitondo co kuri uyu wa gatatu. Abanyagihugu baratewe umutima uhagaze n’itituka ry’umutekano ryibonekeza muri ino misi, bagasaba ko amatohoza nyayo yoba kuri ubwo bwicanyi.
II. Umuryango wa Général Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere, usaba ko agateka kawo kokwubahirizwa. Kuva kuri uyu wa mbere aho habereye isakwa ku rugo rwiwe ruri mu Gasekebuye na Nkenga Busoro, uyo muryango wugaraniwe mu nzu. Ivyari mu nzu vyose vyarasahuwe n’igipolisi. Ubu ntawusohoka nta n’uwinjira. Pacifique Nininahazwe arongoye isekeza Ndondeza, avuga ko abo muri uyo muryango basaba gukingirwa, ntibazire amakosa yoba yakozwe na Général Bunyoni.
III. Pacifique Nininahazwe avuga ko ivyashikiye Général Bunyoni vyari bikwiye kubera icigwa abandi bategetsi b’igihugu, kuko no ku ntwaro ya Bunyoni hariho abantu benshi agateka kabo kahonyanzwe. Avuga ko bari bakwiye kwubahiriza agateka k’abandi, kugira ngo ejo batakiri ku butegetsi akabo kaze kubahirizwe.
IV. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Ninteretse, aremeza amakuru y’ukwo Alain Guillaume Bunyoni bagiye kumusaka mu rugo iwe ariko bakamubura, akavuga ariko ko dossier yiwe iri mu minwe ya parquet nkuru y’igihugu. Martin Ninteretse yabishikirije kuri uyu wa gatatu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, akaba yemenyesheje kandi ko na Désiré Uwamahoro arongoye igipolisi bise ko kirwanya imigumuko ariko arumvirizwa.
V. Imyidogo ni myinshi mu bigisha mu ntara ya Kayanza. Iyo myidogo ikaba ifatiye ku ngingo y’uwurongoye igisata c’indero muri iyo ntara, ibategeka kugura ku nguvu impuzu y’igitenge imwe ku bigisha bose, bazokwambara ku musi mukuru w’abakozi n’uwo guhimbaza intahe yo kwikukira. Ivyo bigakorwa kw’ikomine kw’ikomine, kandi ico gitenge kigategerezwa kugurwa buri mwaka. Ivyo babona ko ari agahotoro, bagasaba n’imiburiburi kucambara imyaka itatu.
VI. Ubushikiranganji bw’indero bukwiye kwitonda mu kugena abayobozi b’amashure, bakareka gushira imbere abari mu migambwe kandi batabishoboye. Ivyo bishikirizwa na Eulalie Nibizi akwirikiranira hafi igisata c’indero. Ni mu gihe mu ntara ya Kayanza haharurwa abayobozi bangana 57 bakuwe mu mabanga yabo, kubera ata vyo bashoboye, muri uno mwaka w’ishure wa 2022-2023.
VII. Abasirikare n’abapolisi b’Uburundi basaba umukuru w’igihugu kutayaga amasigaracicaro. Ivyo babivuga bafatiye ku muhango bahawe w’itunganywa gushasha ry’imishahara y’abakozi, aho yavuga ko n’abo mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi batazosigara inyuma. Muri kino gihe, abo muri izo nzego bavuga ko barindiye amaso agahera mu nzira. Bakababazwa no kubona hari abihaye gukwiragiza ibinyoma ku mbuga hwaniro, ku bijanye n’uwo muhango w’umukuru w’igihugu.