Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/05/2022

Publié le 19 mai 2022 par Rédaction
I. Baratabariza umukukuruke mu gisirikare c’Uburundi Général Major Célestin Ndayisaba amerewe nabi muri iki gihe, kubera amagara amukitse aho afungiwe mw’ibohero rya Muramvya. Agatabarizwa n’abegereye umuryango wiwe, basaba ko ababijejwe bomurungika kwivuza hanze y’ibohero. Basaba ko ukuvuzwa kwiwe vyonyaruka nk’ukwo vyasabwe n’umuganga amukurikirana. Umukuru w’ibohero rya Muramvya we ku ruhande rwiwe yaramaze gusaba abamukurira ko uwo munyororo yohabwa uruhusha rwo kuja kuvurirwa mu gisagara ca Bujumbura. Général Major Celestin Ndayisaba akaba apfunzwe akurikiranwa ku rubanza rw’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye.
II. Ukutumvikana ni ko kurangwa mu gisata c’ihuriro ry’ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi CFCIB. Intandaro ni umugwizatunga akaba n’umushingamateka Olivier Suguru ariko aharanira ikibanza co gusubirira uwahora arongoye CFCIB yahejeje ikiringo ciwe. Uwari icegera ciwe Ginette Karirekinyana nawe ari mu bitoza akagiriza uwo bahiganwa kuba ashaka gufadikanya amabanga atajanye n’uburongozi bwa CFCIB. Uwo mugwizatunga ariko akaba ashigikiwe n’umuyobozi buca asubirizwa.
III. Ishirahamwe PARCEM riharanira intwaro ibereye no guhindura ingendo risaba ko leta ishiraho amategeko atomora neza ibijanye n’inyungu, kugira ntihabe ihonyangwa ry’amategeko rifatiye ku barongora amashirahamwe atandukanye. Faustin Ndikumana arirongoye akavuga ko ivyo bituma intwaro ibereye idatsimbatara mu gihugu, kubera ayo mategeko atayahari, bigatuma inyungu z’abantu ziza imbere y’inyungu rusangi y’amashirahamwe.
IV. Imigambi y’iterambere ridakumira ni co abaserukira umuryango w’ibihugu vya buraya mu Burundi hamwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu baganiriye kuri uyu wa kane. Ni vyo vyashikirijwe na Albert Shingiro, umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu mu biganiro bigira kane, ariko vya mbere inyuma yaho ubumwe bwa buraya bukuriye ibihano ku Burundi. Ni muri rwa rukwirikirane rw’ibiganiro vya politike kugira uyo muryango usubire guha imfashanyo y’amafranga leta y’Uburundi.
V. Ubusuma bwo mu mazu ijoro ryitereye burateye umutima uhagaze ababa muri zone Buterere. Bemeza ko bimaze gushikira imihana itanu mu kiringo c’indwi imwe. Bavuga kandi ko bwarwiriye kuvaho ishirahamwe REGIDESO ritanguriye kuza riratwara umuyagankuba kuva isaha zitanu z’ijoro.
VI. Abana bari hagati y’imyaka ibiri n’itanu bo mw’ikambi y’impunzi ya Mulongwe mu gihugu ca Congo iharanira Demokarasi, bamaze imyaka irenga ibiri badahonyora mw’ishure. Kuva aho ikiza ca Covid-19 cadukiye, amashuri yakira urwo rwaruka yarugaye, n’ubu ntarugurura. Imyidogo ikaba ari myinshi mu bavyeyi bavuga ko abana babo birirwa barayerera bakiga ingeso mbi, kubera bataciga.

Ibindi bisa n'ibi