I. Abanyagihugu bari mu gihugu hagati, bagiye gutangura gupimwa ikiza ca corona, kuva indwi itangura. Ivyo bivugwa na muganga Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu. Ivyo akaba yabivuze inyuma y’inama yagiranye n’inzego zo hejuru mu buvuzi, n’abarongoye intara. Uyo mushikiranganji agasaba ashimitse abarundi kuvavanura n’ingendo yokwitura ba rumenyi babesha ngo babavura ikiza ca corona. Akabasaba ahubwo kwitura ibitaro bibegereye hakiri kare.
II. Hari abakuru b’ama karitiye batatu muri zone Buterere, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura bahagaritswe kuri uyu wa gatatu, bagirizwa gutunga ibirwanisho batabifitiye uruhusha. Abo mu miryango yabo bagasaba ko borekurwa kuko ngo ari irementanya babagiriye.
III. Umunyororo Clément Nkurunziza apfungiwe mw’ibohero rya Ngozi, amaze imisi afise ubwoba bwinshi ku mutekano wiwe. Amakuru ava aho mw’ibohero rya Ngozi akavuga ko hoba hari umugambi wo kumugandagura, woba wateguwe n’ubuyobozi bw’ibohero bukoranye na bamwe mu mbonerakure zipfungiwe aho i Ngozi. Bimwe mu bimenyetso vyamuteye ubwoba cane akaba ari uguhindurirwa uburaro akavanwa aho yari amaze imisi, agashirwa aho bita muri corridor.
IV. Umukuru w’igihugu mushasha Evaritse Ndayishimiye kuri uno wa kane mu gihe yari aramutse ashikira amabanga yo kurongora igihugu, yavuze ko inani nka ADC ikibiri na CNARED ari inani ziri mu kwaha kw’aba koroni, kandi ko atakindi zirota atari uguhungabanya umutekano w’igihugu. Muganga Jean Minani arongoye urunani CNARED, avuga ko ivyo biteye isoni n’agahinda kubona umukuru w’igihugu yifatira mu gahanga abatavuga rumwe n’ubutegetsi, mu kubagiriza ko bakorana nabo yise abakoroni. Evaritse Ndayishimiye ngo yari akwiye kwibuka ko ata myaka myishi iheze batavuga rumwe n’ubutegetsi bwari buhari, ariko ngo ntivyasigura ko bakoreshwa n’abakoroni.
V. Mu mugambwe MSD ngo nta nakimwe biteze ku mukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye. François Nyamoya, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, abonako ijambo yaraye ashikirije ahanini ari iry’umunyamugambwe, ariko atari ijambo ry’umukuru w’igihugu.
VI. Igenekerezo rya 19 Ruheshi uko umwaka utashe amakungu arahimbaza umusi wahariwe kurwanya ifatwa ku nguvu ry’abakenyezi mu gihe c’intambara. Mu Burundi kuva mu 2015 gushika n’ubu ngo haracibonekeza mwene ayo mabi, nkuko bishikirizwa n’umupfasoni Immaculée Hunja, ari mubakenyezi b’abarundikazi baharanira amahoro n’agateka kazina muntu. Aha rero ngo ikibabaje nuko ababikora badahanwa, hano agatunga agatoke cane cane imbonerakure ziri mu mugambwe CNDD-FDD.
VII. Birababaje cane ivyo abategetsi ba leta ya Tanzaniya bakorera impunzi z’Abarundi, bahungiye muri ico gihugu. Bishikirizwa n’urunani CBDH/VICAR, ruhurikiyemwo amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’ak’impunzi ziri mu makambi yo mu bihugu vy’aka karere. Aho rero ni mu gihe haguma hibonekeza itotezwa ridasanzwe, mu ma kambi y’impunzi z’abarundi bahungiye mur’ico gihugu. Urwo runani rugasaba leta ya Tanzania kwubahiriza agateka k’impunzi. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani CBDH /VICAR.