I. Hasubiye kwibonekeza ihagarikwa ry’abanywanyi b’umugambwe CNL, urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa. Umwe mu bahagaritswe akaba ari Sévérin Bagorikunda, umwe mu bagize inzego z’uyo mugambwe, yahagaritswe ku rugo iwe mu Kamenge n’abantu bambaye impuzu z’igipolisi, ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu, nk’uko bishikirizwa n’ababibonye. Umugambwe CNL uratabariza uyo munywanyi wawo hamwe n’abandi bamaze iminsi bahagarikwa batazi aho bari gushika ubu.
II. Bamwe mu banyagihugu bo muri karitiye Jabe, zone Bwiza mu gisagara ca Bujumbura, baridoga ko hakoreshwa aka mwana wa mama mu gusambura amazu yubatswe bidaciye mu mategeko. Abo banyagihugu bavuga ko ivyo bikorwa n’imbonerakure na bamwe mu ba polisi batubahirije amategeko. Abo banyagihugu bagasabako ivyo bikorwa vyokorwa hisunze amategeko kandi abajejwe intwaro zo hasi bakabimenyeshwa.
III. Abasirikare bahemberwa mw’ibanki ya gisirikare CECAD mw’ishami ryayo CECADEM ryo muri komine Matana, intara Bururi, bavuga ko badashimishwa n’ibikorwa vy’iyo banki. Imvo ngo n’uko iryo shami CECADEM idatunganiriza abanywanyi bayo nkizindi banki. Umwe mu basirikare bahemberwa muri iyo banki muri komine Matana yavuganye na radiyo Inzamba, asigura ko iryo shami ryisangije amasaha yo gukora co kimwe n’amasaha yo guhemba. Abasirikare bahemberwa muri iyo banki bakababazwa kandi n’ukuntu iyo banki itabaha ku gihe ingurane baba basavye, kandi ahandi bayitanga ku gihe. Uruganda rwa radiyo Inzamba ntirurashobora kuronka Nestor Bigirimana, umuyobozi mukuru wa banki y’abasirikare CECAD ku rwego rw’igihugu co kimwe n’uwurongoye ishami ryaro ry’i Matana.
IV. Ubukene bw’amavuta y’amamesa buvugwa mu ntara ya Rumonge muri iyi misi, ngo bwatumye n’ibindi bintu vya nkenerwa biva kuri ayo mavuta bikena. Abanyagihugu hamwe n’ababidandaza bakaba bari mu myidogo itagira ukwo ingana.
V. Umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi warahimbajwe kuri uyu wa gatanu mw’ikambi y’impunzi z’abarundi i Nduta muri Tanzaniya. Uwo musi usanzwe uhimbazwa italiki 20 uko umwaka utashe. Impunzi zaboneyeho akaryo ko guserura ingorane bafise. Muri izo hariyo izijanye n’umutekano muke, ukutavurwa neza ku mavuriro bitura be n’ibifungurwa bitagikwiye.
VI. Kuri uno wa gatandatu, ibihugu vyose biri mu nkino za Buraya biraba bikwije inkino zibiri. Isaha zitatu z’ijoro Pologne itana mu mitwe na Espagne, urukino rukomeye kuko uwurutakaza ivyiwe bizoba biriko birarangira, na cane cane kuri Pologne yatsinzwe uru kino rwayo rwa mbere.