I. Mu gatondo k’uno musi wa kane, inkoho yo mu bwoko bwa pistolet yibwe n’umuntu ataramenyekana. Ivyo bikaba vyabereye ku murwa mukuru w’intara ya Gitega mu biro bitanga impapuro z’ingendo. Iyo nkoho yibwe ikaba yari iy’intwazangabo mu gipolisi.
II. Ubushikiranganji bw’amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka buremera ko hamaze imisi hari ubukene bw’igitoro mu gihugu, ariko ko guhera kuri uno wa kane ico gitoro kigiye gusubira kuboneka. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Léonidas Sindayigaya avuga ko intandaro y’iryo bura ry’igitoro ari uko habaye ukutagikwiragiza mu ntara nk’uko vyabwirizwa.
III. Amakomine n’intara z’Uburundi ngo bigiye kugabanywa kugira ngo abanyagihugu bashikire iterambere rusangi rirama. Vyaraye bishikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu, umutekano n’interambere rusangi Gervais Ndirakobuca.
IV. Frederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu akaba ari nawe arongoye urunani CFOR-Arusha, abona ko iciyumviro ubwaco atari kibi ariko gikwiye kuzoja mu ngiro gifise ingingo mperekeza kugira iterambere rivugwa rishikire abanyagihugu. Ku bwiwe intara zoba nke, ariko amakomine kuko ariwo mushinge w’iterambere ry’abanyagihugu akaba menshi.
V. Bamvunginyumvira asigura kandi ko ico ciyumviro abatware bobanza kukivugana n’abanyagihugu bagaterera ivyiyumviro, gutyo izo ntara zikegereza ubutegetsi abanyagihugu.
VI. Umuntu umwe yaraye yitavye Imana, kuri uyu wa 18 Myandagaro, mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzania. Amakuru dukura aho I Nduta amenyesha ko uyo yapfuye, ari umwe mu barwayi indwi ba Covid-19 barimwo ivyuma bibafasha guhema ku bitaro biri muri iyo kambi. Ayo makuru amenyesha k’ubwoba bwa Covid-19 buguma bwiyongera ku rugero runini. Impunzi zikabandanya zisaba gukurikiza amabwirizwa yo kwikingira ico kiza.
VII. Abarundi bahungutse kuri uyu wa gatatu bagera kuri 30 bava mw’ikambi ya Mulongwe nibo batowe umugera wa Covid-19. Abarundi bari bahungutse bakaba bangana na 450. Abajejwe amagara y’abantu bemeza ko ivyo bitigiri ari vyinshi ugereranije nabo bahora batora uwo mugera mu barundi bahunguka. Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bakamenyesha ko bagiye kuvugana n’abajejwe guhungura impunzi mu gihugu ca Congo babahungure babanje kubapima nk’uko bikorwa ahandi.
VIII. Abategetsi bategerezwa gufata ingingo nziza zijanye n’ibihe turimwo. Ayo ni yo majambo akoreshwa n’uwitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku giti ciwe, Francis Rohero, mu kunegura ingendo ya leta ku bijanye no kwikingira ikiza ca Covid-19 hadasizwe inyuma gukoresha incanjo. Ku bwiwe, abategetsi botegerejwe kwereka ubwa mbere inzira abanyagihugu mu kwikingira.
IX. Igenekerezo rya 19 mu kwezi kwa 8 buri mwaka amakungu arahimbaza umusi mukuru wahariwe imfashanyo. Uwo musi mukuru ukaba ushitse impunzi zo mu karere ka Africa y’ubuseruko zitakironswa imfashanyo zikwiye. Mu bihugu bimwe bimwe bigize aka karere barashobora kumara amezi ata mfashanyo itanzwe, ahandi naho ikagabanywa. Abaharanira agateka k’impunzi basaba ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi HCR, kubandanya rifata mu mugongo impunzi z’abarundi.
X. Impunzi y’umurundi Parfait Hakizimana ari mu mpunzi zo kw’isi zatororokanijwe kugira zitabire inkino za jeux paralympiques zihuza abafise ubumuga, zizotangura i Tokyo igenekerezo rya 24 za kuno kwezi. Parfait Hakizimana ni impunzi y’umurundi aba mw’ikambi ya Mahama, akaba yivugira ko agiye I Tokyo kugira atahukane umudari. Ivyaranze Parfait Hakizimana.