I. Igihano co gufungwa ubuzima bwiwe bwose ni co sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Muyinga mu ntahe y’ikibiriraho, kuri uyu wa gatanu yahanishije Jean-Claude Bigendako. Akaba yagiriwe n’icaha co kugandagura umuhabara wiwe Alexine Musabwasoni, kandi yabiteguye, nk’uko icariho c’umushikirizamanza wa republika yari yamushengeje yabishikirije Sentare. Jean-Claude Bigendako akaba ari umwigisha yahora akora kw’ishure nshingiro ya Martyazo muri komine Gasorwe, akaba yaburanye yemera icaha ariko akavuga ko yatwawe n’ishavu kuko ngo yaramaze imisi yumvise ko Alexine Musabwasoni, yari mu nzira yo kumuheba.
II. Incabwenge z’abarundi baba mu mahanga ntaco zikora kugira ngo ziterere mw’iterambere ry’igihugu. Ivyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yabivuze kuri uwu wa kane ku mugwa mukuru w’intara ya Gitega, mu mubonano yagiranye n’abatari bake muri abo barundi baba mu mahanga. Mbere umukuru w’igihugu yibaza akamaro k’inyigisho mu mashure, akabona ahubwo ko igikomeye ari uguca akenge kugira umuntu ashobore kwibeshaho, nayo ivy’amashuri menshi ngo nta kamaro.
III. Umwimbu rero w’indero ngo ntuva ku bantu, ahubwo uva ku batwara igihugu. Ivyo bishikirizwa na Eulalie Nibizi akurikiranira hafi ibijanye n’indero akaba yahoze arongoye n’urunani ruhurikiyemwo sendika z’abigisha. Umukuru w’igihugu akwiye kurondera icuka ciza mu gihugu, kugira umwe wese aronke umutekano iyo aje azanye umutahe avuye hanze, aje guteza imbere igihugu ciwe.
IV. Kuri uyu wa gatanu, haratemaguwe ibitoke vy’impunzi z’abarundi baba mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru ava muri iyo kambi akavuga ko ivyo bitoke vyatemwe n’urwaruka rw’impunzi z’abarundi rutumwe n’umukuru w’ikambi.
V. Ikiganiro Kw’Isôko c’uyu musi kigaruka ku cizere umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agirira kuri sentare ntahinyuzwa, aho harahira mu ndwi iheze abacamanza bashasha b’urwo rwego rw’ubutungane.