Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/09/2020

Publié le 19 septembre 2020 par Rédaction

I. Kuri uno wa gatandatu, Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi yagendeye igihugu ca Tanzaniya, akaba yahuriye na Peresida Magufuri i Kigoma. Magufuri akaba yipfuza ko gufashanya n’Uburundi mu rudandaza vyotera imbere kurusha uko vyahora, na cane cane mu gucuruza ubutare. Umukuru w’igihugu c’Uburundi mw’ijambo ryiwe akaba ashima umubano w’Uburundi na Tanzaniya.

II. Uwahora arongoye igipolisi kijejwe kwiyunguruza mu mabarabara PSR Colonel Prime Niyongabo batazira Komesha, yarajanywe ku muhingamo w’uyu wa gatanu mw’ibohero rikuru rya Muramvya, avanywe aho yarafungiwe mu gasho k’ibiro bikuru bijejwe iperereza mu gisagara ca Bujumbura. Yabanje kurenguka imbere y’umucamanza,  ari kumwe n’umushingwamanza amuburanira, imbere y’uko ajanwa mw’ibohero rikuru ry’i Muramvya. Colonel Prime Niyongabo rero, yaciye abogozwa mu mabanga yiwe mw’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ECONET-leo kuri uyu wa gatanu nyene. Mw’ikete rimuhagarika mu kazi, yagirizwa ikosa rikomeye ngo kuko igihe yahagarikwa n’iperereza yari afise imodoka y’akazi. 

III. Nta n’umwe yokwifuza intambara mu gutorera inyishu ibibazo biri mu gihugu ; ariko iyo igihugu nk’Uburundi kirangwamwo ubwicanyi n’ubukene bitagira izina; haragera igihe umugwi w’abantu urengerwa ugafata ingingo yo kugwanya leta biciye mu muheto. Uwo ni wo mwihwezo wa David Gakunzi, ku ngingo y’umuhari Red Tabara, uvugako wafashe ibigwanisho kugira ngo igwanye leta y’Uburundi. David Gakunzi asaba leta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose; kugira ngo itore inyishu z’ibibazo biri mu gihugu bice mu biganiro hagati y’abo bose vyega ; ahandiho ibintu ngo bishobora kuyangara, amaraso y’abarundi akabandanya aseseka.

IV. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa kane iminsi 334 bafunzwe. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe wese, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu, yiyamirije.

V. Inama nshingamateka y’Uburundi yaremeje kuri uyu wa 4 integuro y’itegeko rigenga igitabo c’amategeko agenga akazi mu Burundi. Mu vyemejwe muri iyo nteguro harimwo ko abakenyezi bakorera mu gisata c’abigenga, bagiye kuza barahembwa igice c’umushahara wabo mu gihe bazoba bahawe akaruhuko ko kwibaruka. Umupfasoni yanonosoye ibijanye n’amategeko Jeanne d’arc Zaninyana wo mu muhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, avuga y’uko iryo tegeko rishasha rije gusubiza inyuma agateka k’umukenyezi, kubera iryo tegeko rije kugenga abakozi bo mu gisata c’abigenga gusa. Ku bwiwe iyo ngingo itandukanye n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.   

VI. Mu kigabane ‘’Kw’Isôko’’, tubabwira ibijanye na sentare yo ku mugina.

Ibindi bisa n'ibi