I. Abagize leta nshasha y’Uburundi bakwiye kwerekana ubutunzi bafise, bitarenze imisi 15 inyuma y’ukwo binjiye mu mabanga yabo, kugira intwaro ibereye itsimbatare mu gihugu, nk’ukwo biri mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME, ryishinze kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere. Ku bwiwe, abo bagize leta nshasha bakwiye kandi kwirinda kubangikanya amabanga mu gukora urudandazwa, nk’ukwo bibujijwe n’amategeko kugira Uburundi bushike kw’iterambere.
II. Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’agateka ka zina muntu Human Rights Watch rirashima ingingo yo kubogoza uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni. Mw’itangazo bashize ahabona kuri uyu wa mbere, Lewis Mudge arongoye akarere ka Afrika yo hagati muri iryo shirahamwe, aranegura uwamusubiriye muri ico kibanza ari we Gervais Ndirakobuca. Lewis Mudge abona ko iyo mpinduka ishobora kubandanya isubiza inyuma ibijanye n’iyubahirizwa ry’uburenganzira bwa kiremwa muntu.
III. Leta y’Uburundi irakwiye gufata ingingo zijanye n’urubanza ruherutse gucibwa n’igisata c’iyungururizo ca sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko (EAC) ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Uko ni ko Pierre Claver Mbonimpa, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu akaba kandi yarakozweko n’ico kiringo, abivuga. Iyo sentare ikaba yemeje ko ico kiringo ca gatatu gica kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Ku bwiwe, zimwe muri izo ngingo n’uko abafunzwe bose bazira kuba bararwanije ico kiringo barekurwa bakaza guterera mw’iterambere ry’Uburundi.
IV. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo muri karitiye ya Gasekebuye iri muri zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura. Abo banyagihugu bavugako badatahura ingene bariko barakwa imisegetera baheruka guhabwa ata nsiguro baronse. Basabako ico kibazo cokosorwa, ni mu gihe uwurongoye iyo karitiye wewe avugako ico kibazo atacazi.
V. Ibura ry’imiti rirateye umutima uhagaze impunzi ziri mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Haraheze imyaka ibiri irenga, iyo zigiye kwivuza zibarirwa ko ata miti ihari, uwudafise aho yisumamwo ngo ntashobora kuvuza uwiwe. Basaba Leta ya Tanzaniya n’ishirahamwe HCR kubatezurira kuko bageze aho umwansi ashaka.
VI. Hari ikiziga c’umugore catowe mu gitondo c’uno wa mbere mu nzu iri muri zone y’icumi mw’ikambi y’impunzi i Nyarugusu, muri Tanzaniya. Ababanyi bikeka ko yoba yiyahuye. Ariko abo babanyi nyene bavuga ko batumva icoba catumye abikora. Uwo mugore yari yimukiye muri iyo nzu mu gitondo c’uno musi wa mbere nyene. Bakavuga ko bwari ubwa kabiri aje kuhaba. Nyene urugo akaba yari muramukazi wiwe, na we akaba yari amaze igihe yaritavye Imana. Ikiziga c’uwo mukenyezi kikaba cakuwe aho n’abasungusungu.
VII. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaboko basketball, harabaye inkino zo gutegura imigwi y’Urunani na Young Sisters, izoserukira igihugu mu nkino mpuzamakungu. Na yo mu mupira w’amaguru, ihiganwa Primus Ligue rirabandanya, rikaba ryari ku ndwi ya gatandatu, umugwi wa Messager Ngozi ukaba ari wo uri mu kibanza ca mbere gushika ubu.