I. Abantu bane barapfuye ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere baguweko n’umusozi ku musozi Kivuvu, komine Kabarore n’intara ya Kayanza. Iryo sanganya rikaba ryabaye mu gihe bari mu birombwe ahasanzwe himbwa ubutare, mbere muri uwo mwanya hakaba hariko haragwa n’imvura nyinshi. Hakaba kandi hama havuzwe amasanganya nk’ayo mu turere two muri iyo komine dusanzwe ducukurwamwo ubutare. Abakora muri ivyo vy’ugucukura ubutare bakidoga bavuga ko bahembwa intica ntikize kandi ko amashirahamwe acukura ubutare muri iyo komine atabashira mu mashirahamwe y’ubwishingizi, kandi badahengeshanya ku bisaba babicishije ku bajejwe intwaro. Iyo rero ngo bishitse hakagira uwuhura n’isanganya nk’iryo canke agakomereka, nta na hamwe uwiwe agira ico abaza.
II. Umugwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR n’ubu ngo ijambo ni rya rindi, harabaye ihonyabwoko ryakorewe abahutu mu mwaka wa 1972. Ivyo n’ivyashikirijwe n’umukuru w’uwo mugwi Pierre Claver Ndayicariye, mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, mu gihe uyo mugwi wariko ushikiriza ivyo waranguye muri iyi myaka ine iheze. Pierre Claver Ndayicariye avuga ko mu makuru mashasha baronse ari uko impunzi z’abanyarwanda zari mu Burundi ico gihe, zafashije muri iryo honyabwoko avuga ko ryakorewe abahutu.
III. Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga w’ishirahamwe AC Génocide igisata co muri Canada, avuga ko ivyo Ndayicariye yashikirije kuri uno wa mbere ku ruhara rw’abanyarwanda bari bahungiye mu Burundi bagize ihonyabwoko, ata fatiro bifise. Ahubwo ashaka gufata ibibazo biri mu Burundi ngo avyimurire mu Rwanda. Ikindi Emmanuel Nkurunziza anegura ni uko mu bintu bitatu vyerekana ko habaye mu gihugu iki canke kiriya, biri mw’itegeko mpuzamakungu rijanye n’ivy’ihonyabwoko, ata na kimwe cerekana ko iryo honyabwoko rivugwa ryabaye. Ku bwiwe ngo umugwi CVR ushaka kunezereza abari ku butegetsi ukorera.
IV. Mu gihe umwaka w’ishure wa 2023 ushira uwa 2024 waraye utanguye, amashure atari make mu gihugu aracahanzwe n’ubukene bw’intebe, aho usanga intebe zigikenewe ziharurwa hagati ya 150 n’ibihumbi 4 bitewe n’amashure. Abarongoye ayo mashure ntibabona neza uko ubumenyi buzotangwa hamwe ibintu vyoguma uko biri uno munsi.
V. Abahinga mu vy’indero barahagaritswe umutima n’ubwo bukene bw’intebe mu mashure, kuko bituma abana batiga nk’uko vyategerezwa. Kubwa Eulalie Nibizi, abo bana baca biga mu buryo butabatuma gukurikira no kwiyumvira ku bijanye n’ivyigwa baronswa, ari na vyo bica bizana ibitigiri binini vy’abana baheba amashure.
VI. Umuyobozi w’ibitaro vya Mpanda mu ntara ya Bubanza co kimwe n’uwujejwe ubutunzi, baragirizwa gusesagura no kunyuruza amatungo y’ivyo bitaro. Amakuru atangwa na bamwe mu bakozi b’ivyo bitaro, avuga ko hari inzu yo kwakiriramwo indembe iriko irubakwa ku mahera arenga imilioni 200, mu gihe vyari bitegekanijwe ko yubakwa ku mahera atarenga imiliyoni 97 z’amarundi.
VII. Mw’ikambi y’impunzi z’abarundi i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, havugwa ibura ry’imiti ya malariya. Inkuru ziva muri iyo kambi zivuga ko kuva mu kwezi kw’indwi guheze, iyo miti itakiboneka. Ikivyunyura ngo n’uko n’amafarumasi bahora bikorako mu gihe batayironse mu mavuriro, yugawe imiti yose irasahurwa. Ayo makuru yemeza kandi ko iyo ndwara ya malariya ibangamiye cane abana n’abageze mu za bukuru, bagasaba igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR kubaronsa iyo miti.