I. Kuri uno wa kabiri ku mupaka wa Nemba ugabura Urwanda n’Uburundi, igihugu c’Uburundi cashikirije Urwanda abaroberi 11 b’umuhari FLN (Front de Libération Nationale) bafatiwe ku butaka bw’Uburundi. Colonel Musaba Ernest yaserukiye igisirikare c’Uburundi, amenyesha ko ico gikorwa cerekana umubano mwiza uri hagati y’ivyo bihugu bibiri.
II. Césarie Nizigiyimana, musitanteri wa komine Nyamurenza mu ntara ya Ngozi yaburanishijwe hamwe n’abo barikumwe bashika 20, harimwo abarongoye imitumba na zone, muri sentare isubiramwo imanza ya Ngozi, inyuma y’umutaga w’uwu wa kabiri. Urwo rubanza rw’ikibiriraho ntirwaburanishijwe muri sentare y’icese kubera umushingwamanza wabo yaciye asaba rugitangura ko rwoburanishwa mu mwiherero ngo ku mvo z’umutekano. Ivyatangaje abari aho harimwo n’abacamanza bari baje kurwumviriza. Césarie Nizigiyimana yagirizwa kwica umutama Claver Sindayigaya, mu kumukura mu gasho yarafungiwemwo akamuha abari mu bikorwa rusangi, bakamwica bamwagiriza uburozi, nk’uko inkuru ziva i Nyamurenza zibivuga.
III. Umwe mu bagirizwa gutoreza ibiturire abakozi b’umugwi CNTB hamwe na sentare yawo muri komine ya Nyanza-lac mu ntara ya Makamba, yarahagaritswe ku musi wa gatanu w’indwi twaraye turangije. Runyabuye André yahagaritswe n’igipolisi ku muhana iwe. Abanyagihugu bavuga ko bakuwe mu vyabo biciye mu biturire, basaba ko n’abandi bari inyuma y’ubwo busuma boronderwa bakabibazwa.
IV. Imvugo y’umushikiranganji wa mbere igabisha abipfuza kwiteza incanco zikingira ikiza ca Covid-19, ntitangaza umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Uwo muhari ugafatira ku nyifato y’abategetsi b’igihugu batigeze bafata ingingo ruhasha zo gukingira abarundi ico kiza, kuva gitangura mu Burundi. Bivugwa na Jeanne d’Arc Zaninyana, umunyamabanga mukuru w’uwo muhari. Kubw’uwo muhari w’abakenyezi, ngo abarundi bari bakwiye kutumviriza izo mvugo, ahubwo bakicandagisha kuko ata wundi muti uraboneka.
V. Kuba umushikiranganji wa mbere aherutse kunegura cane urucanco rwo gukinga ikiza ca corona, ko n’abarufashe bagwara ndetse no gupfa bagapfa, ngo ni ibiterasoni. Bishikirizwa n’urunani rw’abarundi b’intungane, RCP, ruharanira kugendera ubuntu. Gervais Nibigira, icegera c’umukuru w’urunani RCP, avuga ko bibabaje kandi biteye agahinda kubona umutegetsi yofashe iya mbere mu guhimiriza abanyagihugu kuja kwikingira, ari we avuga ko urwo rucanco ataco rumaze.
VI. Haraheze imisi ine ata gitoro kirangwa ku bituro 6 bisanzwe vyakira bikongera bikadandaza ibitoro mu ntara ya Muyinga. Nk’uko amakuru atangwa na bamwe mu bakora akazi ko kunguruza abantu n’ibintu avyemeza, inkurikizi z’ikena ry’igitoro co mu bwoko bwa essence cane cane, zikaba zitatevye kwibonekeza mu kuduza igiciro c’itike ku bantu bafata ingendo zabo.