I. Abasirikare b’Uburundi barenga cumi ni bo basize ubuzima mu ntambara zabereye mu ntara ya Kivu y’ubumanuko, abandi batanu barakomereka. Izo ntambara zikaba zabahuje n’abagwanyi b’umuhari FNL wa Aloys Nzabampema. Abakomeretse bakaba batahanywe mu Burundi kuri uyu wa mbere uheze, aho bashikanywe kwa muganga.
II. Inyuma y’ingingo yafashwe na sentare ya afrika y’ubuseruko yemeza y’ukwo ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kitari gikurikije amategeko, amashirahamwe 28 adaharanira ivyicaro vya politike yandikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari na we arongoye inama y’abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa EAC, bamusaba gushira mu ngiro iyo ngingo yubahiriza ibwirizwa shingiro ryo muri 2005 n’amasezerano ya Arusha. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe, ngo umukuru w’igihugu Ndayishimiye bizomuha akaryo ko gufata ibintu mu minwe kugira ashobore kunywanisha abarundi, biciye mu biganiro bihuza impande zose, ivyo navyo ngo bizotuma ibihumbi vy’abarundi bahunze batahuka ataco binona.
III. Umukuru w’igihugu wenyene ni we ashoboye gupfunguza Clément Nkurunziza, kuko ubutungane bwerekanye ko ata gushaka bufise bwo kumutunganiriza. Biri mw’ikete yandikiye ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, hari kw’igenekerezo rya 15 za kuno kwezi. Clément Nkurunziza amenyesha ubwo buserukizi ko amabi ariko arakorerwa yaturutse ko yakuwe muri Leta zunze ubumwe za Amerika hahonyanzwe amategeko mpuzamakungu agenga impunzi, kandi ko atumva igituma yofatwa wenyene, muri dosiye ivugwamwo abantu benshi.
IV. Urunani CFOR-Arusha ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta y’Uburundi, ruriyamiriza igandagurwa ry’abarundi babiri bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya mw’ikambi ya Nduta mu mpera z’indwi iheze. Umwe yari umugabo akiri muto w’imyaka 28 yishwe abanje kuborezwa igufa n’abapolisi bo muri ico gihugu, uyundi nawe akaba yahambwe mu kinyegero n’ubu akaba ataramenyekana. Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urwo runani amenyesha ko ivyo biri muri rwa rukwirikirane rwo guturubika impunzi kugira zitahe ku nguvu.
V. Urwo runani CFOR-Arusha ruributsa ishirahamwe mpuzamakungu HCR ko ivyo vyose bibazwa amashirahamwe yitwa ko ajejwe gukingira impunzi. Frédéric Bamvuginyumvira ahamagarira impunzi gufatana mu nda muri bino bihe bidasanzwe bariko baratotezwa. Amakuru ava mw’ikambi y’i Nduta akaba avuga ko gushika n’ubu aba polisi bagandaguye ku murango izuba riva uyo muntu w’i Nduta n’ubu bidegemvya, eka n’uwo bari bakubise ari kumwe n’uyo yapfuye bamukuye kwa muganga ubu akaba ari mw’ibohero.
VI. Imyidogo ni myinshi mu barimyi bo muri komine Gisagara y’intara ya Cankuzo, kubera ko batararonswa ifumbire ya FOMI kandi bararishe amafranga. Bamwe muri abo barimyi bavuga ko batanze amahera arenga ibihumbi 700 mu kwezi kw’umunani ariko gushika ubu batararonka uyo mwavu.
VII. Imyidogo ni yose muri bamwe mu borozi bo muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro. N’inyuma yaho hasohokeye urwandiko ruha uburenganzira ikigo kimwe rudende kwegeranya no kugura amata yose muri iyo komine. Abo borozi bakavuga ko ari akarenganyo kukubona badashobora gushora amata yabo aho bashatse, kandi ico kigo kibaha amafranga ari munsi y’ayo abandi bagurako.
VIII. Ingingo iherutse gufatwa na leta yo kunganisha ibiciro vy’ibinyobwa vya Brarudi ku bunywero bwose bw’igihugu ngo n’iyo kwitondera kuko ubunywero bwose butari ku rugero rumwe. Uko niko bisigurwa n’ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Faustin Ndikumana arirongoye abivuga inyuma yaho umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca agabishije ko atawohirahira ngo asubire kurenza ku biciro vyashinzwe na leta, haba mu bubare bubayabaye canke ubwa kijambere.