-
umuntu umwe yaraye apfuye akubiswe n’inkuba kuruno wagatatu inyuma y’umutaga ku mutumba Mara muri komine Mabanda iri muntara ya Makamba. Akaba agize gatanu yitavye imana kuva kuruno w’ imana uheze , aho abandi bane bapfuye ku musi w’imana muri komine Kibago muri iyo ntara nyene baguweko n’isengero kubera imvura yari yaguye ari nyinshi ki mutumba witwa Kiyange.
-
Mu ntara ya Muyinga abagabo bane, umukenyezi n’umwigeme umwe baturuka ku mitumba ya Bonero na Gisanze muri komine Gashoho bagirizwa icaha co kwica babiteguye , ku muhingamo w’ejo ku musi wa gatatu nibo baciriwe igihano co gufungwa ubuzima bwabo bwose no gutanga izindi ndishi z’akababaro. Hari mu manza zibiri zitandukanye zabaereye muri sentare nkuru y’intara ya Muyinga . Mu rubanza rwa mbere iyo Sentare yakurikirana abitwa Pierre Claver Rusama, Edouard na Rogeri bo ku musozi Bonero , bakaba bagiriwe n’icaha co kuba baragandaguye umupfasoni yitwa Rosette Nshimirimana n’ikibondo ciwe yarahetse. Ukwo ari batatu , sentare ikaba yabaciriye urubanza rwo gufungwa ubuzima bwabo bwose no kurihira hamwe amahera y’indishi y’akababaro angana n’imiriyoni 15. Mu rubanza rwa kabiri naho, iyo sentare yaciriye umunyororo wo gufungwa ubuzima bwabo bwose no kurihira hamwe ihadabu ry’amahera imiriyoni 10 uwitwa François Barutwanayo, Hashazinka Laetitia na Anastasie Kabirori, bo ku mutumba Gisanze mur’iyo komine nyene, nabo bakaba bagiriwe n’icaha co kuba barishe umukenyezi yitwa Rosette Niyonsaba kuwa 24 Nyakanga uwu mwaka turimwo.
-
Gukorera hamwe kw’abacamanza bo mubihugu vy’ibiyaga binini , biri mubizofasha guhanahana abakora ivyaha bitandukanye murivyo bihugu. Ivyo biri muvyizwe kuruyu wa kane i Bujumbura mu nama yahuje abashingwamanza bo mubihugu vy’Uburundi, Urwanda hamwe n’igihugu ca Congo. Jean de Dieu Muhuzenge arongoye urwego rw’abashingwamanza mu Burundi asigura ko gukorera hamwe hagati y’ibihugu vy’ibiyaga binini bizotuma ata bantu bakora ivyaha ngo bahungire mubihugu bibanyi.
-
Muri rwa rukurikirane gw’abafise ico bazi kw’igandagugwa ry’uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye mu mwaka w’i 1993 n’ubwicanyi bwakurikiye haraheze imyaka 30. Uwahoze arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA asigura ko mubakoze ubwicanyi ico gihe ngo kwari ukugira barabe ko ihonyabwoko bateguye riizokunda nkiryakorewe abatutsi mu Rwanda. Karori Mukasi avuga kandi ko igisirikare cose kitokwagirizwa ubwo bwicanyi ahubwo avuga ko hari n’abari m’umugambwe FRODEBU bagize uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Melchior Ndadaye.
-
Imyidogo ni myinshi mu mpunzi z’abarundi baba mu gisagara ca Kampala mu gihugu c’Ubugande . Bavugako bataronswa imiti iyo bagiye kwivuza. Banegura ingene bahabwa amasango yo kugaruka gutora imiti, ariko iyo baje bagasubirinyuma zirayoye . Basaba HCR gukemura ico kibazo kuko benshi ngo ata n’uburyo bafise bwo kwigurira imiti.
-
umutumire w’amakuru :Karori Mukasi