Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/11/2020

Publié le 19 novembre 2020 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umugabo catowe mu gitondo co kuri uyu wa kane,mu mwonga w’uruzi Muha, mu gisagara ca Bujumbura. Ababonye ico kiziga,bamenyesha ko ari umuntu yoba yiciwe ahandi, akaza gutabwa muri ico kibanza. Igipolisi kijejwe gukinga impanuka nico caje gutora ico kiziga, inyuma yokubuza abari aho, kugifotora. Umwe mu babonye ico kiziga yahinduwe ijwi ku mvo z’umutekano, arabitwiganira.
II. Mu Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, hari umugore yaraye yishwe n’umugabo wiwe, mu nyuma basanga uwo mugabo amanitse ku mugozi, abantu bakibaza ko yoba yaciye yiyahura, inyuma yo gukora iryo bara. Ubwo bwicanyi bwaribonekeje no mu misi iheze, mu ntara ya Kirundo no muri Cibitoke.
III. Ngo n’aho ata biharuro vyerekana abantu basigaye bicwa hagati y’abubakanye, bigaragara y’ukwo ubwicanyi bwagwiriye muri iyo miryango. Pr. Paul Nkunzimana yanonosoye ivyigwa bijanye n’imico n’imibereho y’abantu, asigura ko kimwe mu mvo z’ibituma, harimwo ukudahana ubwicanyi, bituma igihugu gitera gitituka mu mico y’abantu.
IV. Imvugo iherutse gukoreshwa n’umukuru w’igihugu General Evariste Ndayishimiye yo guhamagarira imbonerakure kurushirizaho gukizura, mu gihe yariko aratanguza indwi yahariwe abagwanyi, ngo bisa n’uko abasirikare n’abapolisi batswe akazi kabo. Bivugwa na Emmanuel Ndereyimana, avugira urunani CFOR Arusha. Ikindi ngo ni nk’ugushuhurira izo mbonerakure ku batari mu mugambwe CNDD-FDD.
V. Umushikiranganji wa mbere wa reta y’Uburundi Alain Guillaume Bunyoni, yahaye ikiringo c’imisi 30 abakozi n’abarongoye Onatel, ngo babe berekanye aho bagejeje mu gukosora ingorane ziri muri iryo shirahamwe rya reta, zituma bakora bahomba. Umushikiranganji wa mbere akaba yabibamenyesheje mu rugendo yagize muri iryo shirahamwe mu gitondo co kuri uyu wa kane. Alain Guillaume Bunyoni akaba yasavye abaserukira abandi muri sendika y’abakozi ba Onatel gufasha muri uwo mugambi, ngo ahandi ho nibo bizoheza bikagirako ingaruka ubwa mbere.
VI. Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta ryarandikiye ikete kuri uwu wa kabiri umunyamabanga mukuru w’inama mpuzamakungu y’akarere k’ibiyaga binini, CIRGL mu mpfunyapfunyo, risaba ko hoba amatohoza yigenga ku ndege y’ubwoko bwa ANTONOV 72-100, no kw’igurishwa ry’inzahabu rinyuranye n’amategeko mu karere k’ibiyaga binini. Kubwa Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME, ikibuga c’indege c’i Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye, nico gicamwo inzahabu zose muri urwo rudandazwa rudaciye mu mategeko.

Ibindi bisa n'ibi