I. Abantu babiri baraye bapfuye, uwundi umwe arakomereka bakubiswe n’inkuba. Vyabereye muri komine Nyabihanga intara ya Mwaro. Ni mu mvura ivanze n’urubura yaguye kuri uwu wa kane. Abanyagihugu, imirima yabo yononekaye, bakaba basaba ko bogarukirwako.
II. Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu bo muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega biturutse ku karashishi n’imyimenyerezo ya gisirikare vyoba bikorwa mw’ijoro, n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD. Ivyo bikaba biriko bikorwa mu ntumbero yo gutegura umunsi wahariwe abahoze ku rugamba.
III. Impunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi y’impunzi ya Lusenda muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, zirahagaritswe umutima n’iterabwoba rifatiye kw’ivangura ry’amoko rikorwa na bamwe mu babanyi babo b’abanyekongo. Bagiriza impunzi zo mu bwoko bw’abatutsi ko zoba zikorana n’imwe mu migwi igwanya ubutegetsi bwa Congo iharanira demokarasi. Basaba ubutegetsi bwa Congo n’igisata kijejwe impunzi HCR, kubikurikiranira hafi bagasukamwo mabisi.
IV. Mu runani CBDH-VICAR rukurikiranira hafi ibijanye n’agateka k’impunzi zo mu karere, ngo baratewe umutima uhagaze n’ivyo bitero bimaze iminsi bikorwa. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, agasaba leta ya Congo gukora ibishoboka vyose kugira ngo izo mpunzi zikingirwe no gukora amatohoza ku bijanye n’ivyo bitero.
V. Umuryango wa Christophe Ndayiragije, umunyagihugu wo muri komine Kiganda y’intara ya Muramvya, usaba kumenyeshwa aho yoba ari inyuma y’ukwezi afashwe n’inzego z’igihugu. Bavuga ko abamubonye ubwa nyuma yaraye afashwe, yari muri komisariya y’igipolisi mu ntara ya Muramvya, ariko kuva ico gihe ntibasubiye kumenyeshwa aho yoba apfungiwe.
VI. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye ahinduye leta yiwe ku ncuro ya kabiri mu kiringo c’umwaka. Abashikiranganji 2 ni bo binjijwe muri leta, 3 nabo bahindurirwa ubushikiranganji barongoye.
VII. Kuri uyu wa kane, umukuru wa leta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yafashe ingingo ikuraho ibihano ico gihugu cari cafatiye Uburundi mu 2015, gishingiye k’uko ibintu vyari vyifashe muri ico gihe. Joe Biden avuga ko iyo ngingo yafashe ishingiye ku bimaze guhinduka mu nzira nziza, kuva hashitse ku butegetsi umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye. Ibintu mu Burundi ngo »vyahinduwe cane n’ivyabaye mu mwaka uheze » harimwo guhererekanya ubutegetsi inyuma y’itorwa rya Evariste Ndayishimiye mu 2020, ubwicanyi bwagabanutse, hamwe n’ibindi vyinshi vyahindutse mu bisata bitandukanye. Ku butumwa yanditse kuri Twitter, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yakiriye neza iyo ngingo y’umukuru wa Amerika yo gukuraho ibihano ku gihugu arongoye. Ibihano ku Burundi vyari vyafashwe ku ntwaro ya Prezida Obama mu 2015. Ico gihe hari abantu bane bari bafatiwe ibihano ku giti cabo. Barimwo Alain-Guillaume Bunyoni, ubu asigaye ari umushikiranganji wa mbere muri leta ya Evariste Ndayishimiye. Uwundi mutegetsi mu nzego z’igihugu yari Godefroid Bizimana yari icegera c’umuyobozi mukuru ajejwe igipolisi. Bandi babiri bari abaza kw’isonga mu bashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015: Général Godefroid Niyombare, n’umuhisi Jenerari Cyrille Ndayirukiye. Ntibari bemerewe guhabwa uruhusha rwo kwinjira muri Amerika, amatungo yabo nayo yari yafashwe.
VIII. Iterambere rya politike riciye muri demokarasi nyakuri nico kibuze mu Burundi, kugira haboneke iterambere mu vy’ubutunzi. Uko niko bisigurwa n’umwigisha muri kaminuza Libérat Ntibashirakandi avugira umuhari MAP BURUNDI BUHIRE. Abisigura mu gihe kuri uno wa gatanu ari ho hasozerwa ibikorwa vy’inama yahuriyemwo bamwe mu ncabwenge z’abarundi bariko bigira hamwe icokorwa na leta kugira igihugu kive mu bukene kirimwo. Libérat Ntibashirakandi avuga ko umuti ari uko leta yohindura umukenyuro, ikazana umutekano n’ubutungane mu bisata vyose vy’igihugu.
IX. Urunani ‘’Bafashe bige’’ ruhamagarira leta gutanga ubumenyi mu mashure biciye mu buhinga ngurukanabumenyi. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Jean Samandari arongoye urwo runani amenyesha ko ubwo buhinga buzofasha mu kugabanya ubwinshi bw’abana mw’ishure, hamwe no gutorera inyishu ikibazo c’ikena ry’abarimu.
X. Ibikorwa vyo gukora ibarabara ry’igihugu nimero zitatu RN3, riva i Bujumbura rija mu ntara ya Rumonge vyaraye bitanguye. Abarikoresha mu kwiyunguruza hamwe n’abakoresha ivyuma vyabo bakaba biruhutsa. Ariko bakaba basaba ko iryo barabara ryokwitonderwa kugira ngo ntirizoce ryononekara nk’ayandi mabarabara yagiye arakorwa muri kahise, hama ntamare na kabiri.