I. Ugupfungwa ubuzima bwose ni co gihano sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza yahanishije ku muhingamo wo kuri uyu wa gatandatu, umugabo w’imyaka 21 wo ku musozi Rukere muri komine Kabarore n’intara ya Kayanza, abavyeyi biwe na bo bahanishwa gupfungwa imyaka 20. Ivyo bihano bakaba babiciriwe inyuma y’aho uwo mugabo yagiriwe n’icaha c’ukuba mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu w’indwi iheze, yishe umugore wiwe. Abavyeyi biwe na bo bakaba bagiriwe n’icaha co kwifatanya na we muri ubwo bwicanyi.
II. Imiryango y’abanyororo bari mw’ibohero rya Rutana hamwe na bamwe mu bakora muri iryo bohero, bariyamiriza itotezwa ririko rirakorerwa abapfungwa. Aho n’inyuma y’aho umunyororo afashwe n’umushikirizamanza wa Republika mu ntara Rutana, ariko akorera ubusambanyi muri bimwe mu biro vy’iryo bohero. Abanyororo bakaba bahavuye bategekwa n’uwurongoye iryo bohero gutanga amafranga ibihumbi 20 umwe wese kuko bamudomyeko urutoke ko ari we yahagarariye ubwo busambanyi.
III. Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo ku mutumba Gakungwe muri komine Kabezi y’intara ya Bujumbura. Abo banyagihugu bidogera leta bavuga ko igomba kubanyaga amatongo yabo babayemwo kuva kera. Abo banyagihugu bagasaba ko uyo mugambi wo kubanyaga wohagarara.
IV. Amakenga ni menshi ku mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’i Nyarugusu iri mu gihugu ca Tanzaniya. Ni mu gihe izo mpunzi zimenyesha ko zaronkejwe ibiharage bidasha. Ivyo biharage ngo vyatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu PAM ribicishije mw’ishirahamwe World Vision. Ni mu gihe izo mpunzi ata handi zizera ivyo bifungurwa, na rirya leta ya Tanzaniya yabujije urudandanzwa muri iyo kambi kandi ata wusohoka ngo aje kwiyungunganya.
V. Ikigabane Kw’Isôko c’uno munsi kiza gushimikira ku biganiro bigiye gutangura i Nairobi, ibiganiro bizohuza igihugu ca Congo n’imigwi yafashe ibirwanisho ibarizwa muri ico gihugu, hamwe n’ico ivyo biganiro bishobora gushikako.