I. Umuhisi Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi yaragize uruhara rudasanzwe mu biganiro vy’amahoro vy’i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, abahutu n’abatutsi barashobora guhuza ku nzira yo guhagarika intambara n’indyane z’amoko mu Burundi. Bishikirizwa na Muganga Jean Minani arongoye urunani CNARED, umwe mubari muri ivyo biganiro vy’amahoro yateweko igikumu umwaka wa 2000.
II. Umugwi wa Afrika ujejwe agateka ka zina muntu uratewe impungenge n’uko igihugu ca Tanzaniya kitubahiriza uburenganzira bw’impunzi bwo kuronswa ubuhungiro n’ukutirukana uwuje agana igihugu mu ntumbero yo gusaba ubuhungiro. Ni mw’itangazo ryasohowe n’uyo mugwi aho unagaruka ku bijanye n’ugutahukana ku nguvu impunzi z’abarundi ziri ku butaka bw’ico gihugu. Uwo mugwi ugasaba leta ya Tanzaniya kwubahiriza amasezerano y’ubumwe bwa Afrika agenga impunzi.
III. Imyidogo ni myinshi kubaforoma bajejwe mu duce two gucungera no kugwanya ikiza ca Covid19 mu Burundi. Bakavuga ko kuva mu kwezi kwa mbere kw’uwu mwaka, bamwe muri bo batarigera bahabwa agashirukabute bemerewe n’amategeko, bahabwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.
IV. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Rumonge bariyamiriza abantu bariko baratoza amahera muri ico gisagara, bababwira ko ari ayo guterera inyubakwa izokoreramwo ibiro vy’intara. Abo banyagihugu bafise amakenga ko ari amahera agomba kunyuruzwa. Bagasaba ko, ibijanye n’ayo mahera, vyoca mu muco.
V. Ikigabane « Kw’isoko » c’uno musi gishimikira ku nyifato y’abarorerezi ku bibuga vy’umupira w’amaguru mu Burundi, mu gihe hasigaye hibonekeza indyane ku bibuga. Akarorero ka hafi kakaba ari ivyashitse mu gihe c’umupira wahuje umugwi w’umupira wa Gitega na Cibitoke.