Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 19/12/2022

Publié le 19 décembre 2022 par Rédaction
I. Uwuhunguka mu gihugu ahunguka ashatse, kandi afise umutima uri mu nda. Ayo n’amajambo yashikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu André Ndayambaje. Ni mu gihe kuri uno munsi wa mbere, igenekerezo rya cumi n’icenda Kigarama uno mwaka, hari umugwi waserukiye leta y’Uburundi urongowe n’uwo munyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo hagati mu gihugu, ari kumwe na buramatari w’intara ya Kirundo, uw’intara ya Kayanza hamwe n’uw’intara ya Bururi. Bose hamwe bakaba bagendeye igihugu kibanyi c’Urwanda, mu ntumbero yo guhamagarira impunzi z’abarundi ziri muri ico gihugu gutahuka. André Ndayambaje akamenyesha y’uko leta y’Uburundi yafashe umugambi w’uko abarundi bose bohunguka bakaja gufasha kwubaka igihugu.
II. Patrice Ntadohoka aserukira impunzi ziba mu bisagara mu gihugu c’Urwanda, yamenyesheje ko hariho ivyo basavye abo bategetsi batandukanye bazananye I Burundi, kugira impunzi z’abarundi zishobore gutaha mu gihugu mu mutekano ntangere. Muri vyo, harimwo gushira mu ngiro ivyavuye mu rubanza ruheruka gucibwa na sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko, ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kitari cisunze amategeko, hamwe rero n’iyubahirizwa y’amasezerano y’amahoro ya Arusha.
III. Imyidogo ni myinshi mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi. Bavuga ko amahema babamwo yamaze gutabagurika, iyo imvura iguye barara bicaye. Ayo mahema ngo arashaje kuko kuva bashikayo, haraheze imyaka 6, ngo ntarigera ahindurwa. Basaba ababijejwe, cane cane igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR kububakira ayandi mahema.
IV. Indege yo mw’ishirahamwe rya Kenya Airways ntiyashoboye kuronswa ibitoro igeze ku kibuga c’indege ca Bujumbura nk’ukwo yari vyitezwe, hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 17 Kigarama 2022. Iyo ndege ikaba yarivuye muri Kenya ije no gutora ingenzi i Bujumbura. Ishirahamwe Interpetrol ryaciye rimenyesha haheze umwanya, ko ari ivy’ukuri mu bubiko bwaryo ata bitoro bari bafise, kandi ko muri iyi misi bafise ico kibazo co kudashobora kwamana ibitoro mu bubiko, ariko ko bariko baragerageza kugitorera inyishu. Kubw’ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM, iyo n’ingaruka ituruka ku bukene bw’amafranga y’agaciro mu Burundi, n’itangwa ry’amasoko ridakurikije amategeko, aho usanga ari abantu biharira isoko nk’ukwo biri uyu musi muri ico gisata. Leta irakwiye kwiyumvira uburyo bwoshoboka kugira itorere inyishu ico kibazo, ahandi ho biragoye kwizera ko Uburundi bwoshikira iterambere.
V. Ubusuma bwo mu ngo buba mw’ijoro busa n’ubwimonogoje ku misozi imwe imwe yo muri komine n’intara ya Muyinga. Ngo nta joro ryijana ubwo busuma butabaye. Ku musi wa gatandatu no ku w’Imana mu ndwi iheze, ubwo busuma bwaribonekeje ku misozi ya Kinyota na Mukoni hafi yo ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga. Abanyagihugu basaba abajejwe umutekano guhagurukira ico kibazo.
VI. Mu makuru y’inkino, muri Basketball tugaruka ku nkino za playoff zabaye mu mpera z’iyi ndwi. Na yo inkuru n’ubu iriko iravugwa cane kw’isi yose, ni Argentine ikinamwo Lionel Messi yaraye itahukanye ubugira 3 igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru.

Ibindi bisa n'ibi