Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/01/2022

Publié le 20 janvier 2022 par Rédaction
I. Umwana w’umuhungu wo ku mutumba Cukiro, komine Kayanza, yarazwi kw’izina Maurice Ndagijimana w’imyaka 16, yaraye yitavye Imana mw’ijoro ryakeye buca ari kuri uwu wa kane, biturutse ku mahiri yakubiswe na mukuru we Rémy Ndikumana w’imyaka 23. Inkuru ziva aho iryo bara ryabereyem zimenyesha ko abo bavukanyi bapfuye imirima y’ibigori, aho umukuru yagiriza mutoya wiwe kuba amwononera. Ni ko guca barwana uwo mukuru akubita amahiri uwo murumunawe. Ababanyi baratabaye, ariko kubera uwo yakubiswe yari yasinzikaye baciye bamujana kw’ivuriro rihegereye. Ariko uwo Maurice Ndagijimana nta mahirwe yagize, kuko yahavuye yitaba Imana nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Uwagirizwa ico caha akaba ubu yafashwe ashirwa mu minwe y’inyamiramabi.
II. Hatanguye kuri uyu wakane mu ntara ya Gitega, kuri paroisse Mutagatifu Francisco d’Assise yo mu Magarama amasengesho y’ugushimira Imana, yatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD. Umuryango w’umukuru w’igihugu wari witavye ico gisabisho caremeshejwe na Musenyeri Simoni Ntamwana, umwungere mukuru wa Archidiocese ya Gitega. Ico gisabisho citabwe kandi n’abategetsi bo mu nzego zitandukanye basabwe gutanga intererano y’amafranga kugira ico gikorwa kiranguke.
III. Abanyagihugu bakwiye guhaguruka bakiyamiriza inyifato y’umugambwe CNDD-FDD yo gutangisha ntererano ku nguvu mu bikorane vyashizweho n’uwo mugambwe. Ivyo bivugwa na Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC. Ku bwiwe ngo abarongoye abandi mu ma sendika bakwiye gushira ahabona ico kibazo, ngo kuko amashirahamwe yigenga nka CVR canke CNIDH ntakwiye kwitabira ivyo bikorwa kuko atisuka mu bijanye na politike.
IV. Abarongoye iperereza mu gihugu mu ntara zitandukanye bahinduwe. Icibonekeza ngo n’uko abavugwa mw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu bakaboneka ko bagumijwe mu mabanga yo kurongora iperereza mu ntara. Ivyo bivugwa na Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, ari mu batanguje isekeza Ndondeza rikora amatohoza ku bantu bafatwa mu nyuma bakaburwa irengero. Pacifique Nininahazwe akavuga ko umugwi wa mbere uboneka nk’ibicocoro bidakorwako. Abari mu mugwi wa kabiri basa na bashasha, ariko nabo bakaba bavugwa mu mabi atari make. Ico bose bahurirako kuva mu mwaka wa 2016 bose bava mu bwoko bumwe bw’abahutu. Pacifique Ninahazwe agasabako ivyo bikwiye guhinduka.
V. Abakorera umwuga wo gutwara abantu n’ibintu ku mapikipiki muri komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura baridogera igipolisi caho. Bacagiriza ko kibahohotera mu gufata amapikipiki yabo kikabaka ihadabu y’umurengera, kandi bamwe bamwe ata makosa baba bafise. Abo bakora uwo mwuga wo kwunguruza abantu n’ibintu ku mapikipiki, basaba abarongoye igipolisi mu ntara ya Bujumbura gufata mu minwe ico kibazo.
VI. Ingorane zo kutaronswa amategeko agenga igisata c’ingenzi ni imwe mu zituma ico gisata kidashobora kwigenga. Ivyo vyashikirijwe na Georges Nimubona, umuyobozi mukuru w’igisata c’ingenzi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane. Aravuga kandi ko hari ibibanza vy’iratiro atari bike bikenewe gutunganywa ngo bizanire amahera igihugu, ariko ugasanga biri mu minwe y’ubundi bushikiranganji. Mwomenya ko abanyamahanga binjiye mu gihugu mu mwaka ws 2019 co kimwe na 2020 barenga ibihumbi 500.
VII. Ukubura kw’imisegetera irwanya imibu ni co coba gituma haba abarwayi benshi ba Malaria mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ya Mulongwe muri Republika  iharanira intwaro rusangi  ya Congo. Uwuserukira izo mpunzi Gatanage Hypense, asigura ko imibu yinyegeza mw’ishamba rikikuje ikambi,  bikunyurwa no kutaronka ibifungurwa bikwiye kuri izo mpunzi. Agasaba ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi kubagarukirako mu kurwanya iyo ndwara ya Malaria no mu kubaronsa ivyo bafungura bikwiye.

Ibindi bisa n'ibi