I. Mu gihe hasigaye amasaha atarenga 48 ngo hatangure ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD-FDD, ibizokwigirwa mu nama n’ubu ntibiramenyeshwa abayitumiwemwo. Amakuru atangwa na bamwe mu bari mu mugambwe CNDD-FDD, avuga y’uko hari umugwi washizweho n’ibihangange vyegereye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye uriko urahinyanyura ibizokwemezwa mu nama.
II. Agateka ka zina muntu gategerezwa kwubahirizwa mu gihugu utaravye amamuko, ubwoko, imigambwe canke igitsina. Ivyo ni vyo umwungere mukuru wa diyoseze ya Gitega Musenyeri Bonaventure Nahimana, asaba abarongoye Uburundi. Musenyeri Nahimana akaba yabishikirije mu nkuka ya misa yuguruye amasengesho yo gushima y’umugabwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, mu ntara ya Gitega.
III. Kubwa Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, ayo masengesho adahengeshanya gutunganywa n’umugambwe CNDD-FDD ntaho ahuriye n’amabi atandukanye yamye akorerwa abanyagihugu, kuva uyo mugambwe ufata ubutegetsi.
IV. Ni amasengesho y’uguhenda abarundi ko uyo mugambwe ukora vyiza, kandi urangwa n’ubwicanyi. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC.
V. Ingoro y’umugambwe CNL yo mu gacimbiri Murore, ku mutumba Nyaruganda, muri komine Nyabitsinda y’intara ya Ruyigi, yaraye isambuwe n’abantu bataramenyekana, muri iri joro ryakeye. Amakuru ava aho ku mutumba Nyaruganda wa komine Nyabitsinda, akavuga ko iyo ngoro yasambuwe n’urwaruka rw’imbonerakure zisanzwe zirara zirakizura muri ako karere. Bakavuga ko abasambuye iyo ngoro baciye bagenda batwaye n’ibiranga umugambwe CNL.
VI. Inyuma yaho umugwizatunga Barthélemy Ntakarutimana batazira Shopping arekuwe amaze amasaha 24 mw’ibohero rya Mpimba, mu mugambwe PPD Girijambo washinzwe n’abahoze muri CNDD-FDD bagereranya ifatwa ry’uwo mugwizatunga nk’agasuzuguro umukuru w’igihugu c’Uburundi akorera abarundi muri rusangi. Bisigurwa na Léonidas Hatungimana arongoye uyo mugambwe, akabona ko Evariste Ndayishimiye akorera ku bwoba bwo guhindura ibintu mu gihugu.
VII. Léonidas Hatungimana, arongoye umugambwe PPD Girijambo, arongera agashikiriza ko ata rukiza na ruke abarundi bokwitega ku ntwaro ya Evariste Ndayishimiye basanzwe baragendanye ku rugamba. Ku bwiwe ngo nawe nyene afise uruhara mu busuma bw’amatora.
VIII. Abadandaza b’ibinyobwa vya Brarudi n’isukari mu ntara ya Rumonge batubahiriza ibiciro vya leta baragabishwa ko atawuzosubira gukora urwo rudandazwa. Iryo n’itegeko ryatanzwe kuri uyu wa kane n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse, mu rugendo yari yagize muri iyo ntara. Uyo mushikiranganji akaba yagabishije kandi n’abajejwe intwaro bakingira ikibaba abo badandaza.