I. Abanywanyi b’umugambwe CNL, muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro, baridogera Musitanteri w’iyo komine, Adrien Ntunzwenimana. Nko kubifuza kwitoza mu bibanza vy’abajenama ba komine, bamwagirizako hari impapuro zisabwa n’umugwi CENI, atariko aragomba kubatererako umukono, mu gihe abari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ngo bobo bazironswa ukuri kwamye.
II. Kubona inama nshingamateka yemeza integuro y’itegeko rigira Petero Nkurunziza Imboneza yamaho, ni ikimenyetso cemeza ko agiye kuguma ku butegetsi naho atazoba akiri umukuru w’igihugu. Ivyo bikagaragaza ko igihugu c’Uburundi kigiye kuba nka Irani aho “imboneza yamaho” iri hejuru y’umukuru w’igihugu.
III. Kubwa Frederiko Bamvuginyumvira, icegera c’uwurongoye urunani CFOR ruhurikiyemwo imigambwe iharanira iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha, kwiyita imboneza yamaho mu vyo gukunda igihugu, Petero Nkurunziza abikura ku migenderanire afitaniye na Irani, kuko arico gihugu naco gifise imboneza yamaho akaba ari umuntu adasanzwe afata ijambo mu gihugu.
IV. Kubwiwe ngo iryo tegeko rije kugira Petero Nkurunziza abe uwudahanganwa ku mabi yose yakozwe kuva ku ntwaro yiwe mu mwaka w’ 2005. Ngo ahubwo Petero Nkurunziza yarakwiye kuja imbere y’ubutungane.
V. Abantu babiri baranyurujwe n’abantu bambaye umwambaro wa gisirikare, inyuma y’umutaga kuri uyu wa gatatu. Imvo zoba zaratumye banyuruzwa, ntiziramenyekana naho boba bapfungiwe ntawurahaca n’ikanda. Abagenzi b’abo bantu, bakaba bafise ubwoba budasanzwe ku mutekano wabo.
VI. Abanywanyi b’umugambwe CNL barenga 10 bo muri komine Kanyosha, zone Muyira, intara ya Bujumbura, nibo bafashwe kuri uno wa kane. Abo banywanyi bakaba bafashwe inyuma y’amasasu yaraye yumvikanye kuri uyu wa kane muri iyo komine, bakaba bagirijwe ko aribo bakoze ico gitero. Aimé Magera, umwe mu ndongozi z’uyo mugambwe, yemeza ko ico gitero cabaye ari irementanya ryakozwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, kugira bashobore gupfunga abo banywanyi ba CNL. Magera akavuga ko abarashe ayo masase ari Imbonerakure za CNDD-FDD, hamwe n’ abakozi b’iperereza bari bahawe ico gikorwa.
VII. Urunani rushasha Kira Burundi, rugizwe n’imigambwe 4, uno munsi rwashikanywe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati ngo rukore ruzwi n’amategeko. Aloys Baricako, yaserukiye iyo migambwe asanzwe anarongoye RANAC, amenyeshako urunani rugira inguvu zisumba iz’umugambwe umwe, ngo rero ni mu ntumbero yo kwitegurira amatora yimirije bashize hamwe.
VIII. Ukwanka ko igice kimwe c’abanyepolitike batahuka, ngo binyegeje imvo za politike ubutegetsi bwoba buriko buratinya ko batahuka mu ntumbero yo gushigikira abatavuga rumwe na Leta. Ico n’iciyumviro gishikirizwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Akaba abivuze inyuma y’aho ubutegetsi bwankiye Jérémie Ngendakumana n’abo bari kumwe gutahuka. Marie Louise yibutsa ko n’ayo matora ariko arategurwa, atariyo aje gutora inyishu y’indyane ziri mu Burundi. Ngo abarundi bakwiye kuganira ivyabaye kuva mu 2015.