Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/02/2021

Publié le 20 février 2021 par Rédaction
I. Umwana yarahejeje kuvuka yatowe ari ikiziga ahantu mu gahinga, ku mutumba na zone Kiremba, muri Komine ya Gasorwe, mu ntara ya Muyinga, nk’uko amakuru atangwa n’abajejwe intwaro kuri uyo mutumba abimenyesha. Abajejwe intwaro aho ku mutumba wa Kiremba bakavuga ko amatohoza ariko araba kugira hamenyekane uwakoze iryo bara. Ayo makuru amenyesha kandi ko komine Gasorwe yafashe ingingo yo gushingurana iteka  ico kibondo.
II. Abantu 11 nibo baraye bahagaritswe mu ma komine ya Vugizo na Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba, 3 ni abo muri komine ya Vugizo.  Bahagarikiwe ku mihana iwabo iri kumutumba wa Gikuzi, bahagarikwa n’igipolisi hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure.  Bakaba bari bafise amakuru yuko hari ibintu vyibwe nkuko bimenyeshwa n’abajejwe intwaro. Muri komine ya Nyanza-Lac naho hafashwe abantu 8, 6 muri bo bakaba bafashwe n’igipolisi mw’ijoro kiriko kirakizura. Bafatirwa ku mutumba Mvugo bariko banywa inzoga ziyobeza ubwenge bita Kanyanga, nk’uko amakuru ava mu gipolisi abivuga. 2 nabo bafatiwe ku mugwa mukuru wa komine Nyanza-Lac ku mutaga w’ejo nyene, mu gihe bariko badandaza isima ku giciro kirenze icashinzwe na Leta. Abo bose bakaba bapfungiwe mu gipolisi ca Vugizo na Nyanza-lac nkuko amakuru atandukanye abimenyesha.
III. Abakozi ba leta cane cane abakora mu gisata c’indero n’ubuvuzi mu ntara ya Rutana, bariyamiriza ingene umugambwe CNDD-FDD uriko urivanga mw’itozwa ry’amafranga agenewe kwubaka ibiro bishasha vy’iyo ntara. Uwuri hejuru yavyo ngo n’umunyamabanga w’uwo mugambwe mu ntara, asaba abarongoye ubuzi butandukanye gusaba abakozi intererano irengeye ubushobozi bwabo.
IV. Hari imyidogo mu bakozi bo mu mugambi w’igisata kijejwe gufasha abagendana umugera wa SIDA, Malaria, n’indwara y’igituntu. Bavuga ko gushika ubu, batarahembwa ukwezi kwa mbere, bakaba bafise ingorane y’ingene bariha amazu babamwo. Uwutwara Croix Rouge Burundi arabahumuriza agasigurako hari amasezerano abanza kuba kugira bazoronswe imishahara yabo.
V. Ikigabane Kw’Isôko kibayagira ibijanye n’ibikorwa vya koperative Giriteka ihurikiyemwo impunzi z’abarundi n’abanyagihugu b’abanyarwanda muri segiteri ya Nyamata, mu bumanuko bw’Urwanda.

Ibindi bisa n'ibi