I. Abantu batatu harimwo uwurongoye umutumba wa Bukeye muri komine Nyanza-lac, intara ya Makamba, bahagaritswe n’igipolisi kuri uyu w’Imana uheze. Bagirizwa kuba bafise uruhara mw’igandagurwa ry’umunyagihugu kuri uyu wa gatanu. Uwo na we yishwe ahorwa kuba ariko agura ibigori, akoresheje umunzane udakwije ibiro mu gupima.
II. Abasirikare b’Uburundi baridoga ko bagira bamare indwi zibiri bataronswa ibifungurwa bikwiye. Basigura ko bahabwa igifungurwa c’umuceri gusa. Bakavuga ko biheza bikabagora kurangura imirimo bajejwe, kuko bataba bafise inguvu zikwiye.
III. Ingingo yafashwe na musitanteri wa komine Muyinga yo kwimurira abadandaza n’abasumyi kw’isoko ya Cibari ntiyakurikijwe n’abo badandaza. Abo na bo bagiriza Amédée Misago kuba yafashe iyo ngingo yo kubakura mw’isoko ryo ku murwa mukuru wa Muyinga atitaye ku ngaruka bizobatera, kuko ata mazi eka ata n’utuzu twa surwumwe tuhari. Abo badandaza bagasaba ko imbere yo kuribajanamwo ryari kubanza rigatunganywa neza.
IV. Ibitabo vy’inzira vyo mu bwoko bwa passeport bigiye kuboneka ku bwinshi. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji wo hagati mu gihugu mu vyo ajejwe harimwo n’umutekano, Martin Ninteretse, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu ndwi iheze. Akaba yamenyesheje ko hagiye kuboneka ibishika ibihumbi mirongo itanu 50.000 muri ino indwi itangura, yongera amenyesha ko bagiye gutegekanya n’izindi zababa ibihumbi amajana abiri 200.000, kugira barwanye abikika mu kiza mu gusaba ibiturire iyo ivyo bitabo vyabuze.
V. Hari abana b’abigeme 9 bo mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya bariko bakoreshwa ibikorwa vyo ku gahato, haraheze ikiringo kirenga indwi. Uwubibakoresha akaba ari uwurongoye iyo kambi, aho avuga ko ari igihano yabahaye kuko bagiye inyuma y’ikambi barenga imetero 200 bitemewe n’amategeko. Abavyeyi b’abana bariyamiriza iyo ngingo babona ko ari iyo guhohotera abana, na cane cane ko bishobora kubagirira ingaruka mbi mu mashure yabo.
VI. Ihohoterwa ry’abo bana ririyamirizwa n’abaharanira agateka ka zina muntu. Eulalie Nibizi arongoye urunani CBDDH ruharanira agateka ka zina muntu (Coalition Burundaise des Défenseurs des Droits de l’Homme mu rurimi rw’igifaransa), avuga ko ivyo Tanzaniya ikorera impunzi bisiga ubwenge, agasaba nyabuna kureka urwo rwaruka rugasubira ku mashure.