I. Umuhari MAP BURUNDI-BUHIRE uranegura ingene ibisata nka vyose mu buzima bw’igihugu bigeze aho umwansi ashaka. Ukaba watanguje ejo ku musi wa kane, isekeza ryo guhimiriza abarundi bose ngo bafashe mu kwubaka gushasha Uburundi. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP BURUNDI–BUHIRE.
II. Imirima y’imyumbati, umuceri n’ibigori hamwe n’ibitungwa, vyaratemaguwe n’abantu bivurwa ko ari imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, ku mutumba wa Kigoma, muri komine Bugabira, mu ntara ya Kirundo. Abagirizwa ayo mabi, akaba ari urwaruka rw’imbonerakure rwo kuri uyo mutumba, ngo zikaba zibikora mw’ijoro. Iyo mirima n’ibitungwa bikaba ari ivy’abanywanyi b’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa.
III. Umwe mu banywanyi b’umugambwe CNL muri komine BUGABIRA yaganiriye na Radio Inzamba, yavuze ko bama bitura inzego guhera kuri musitanteri gushika ku mushikirizamanza ariko bikaba ivy’ubusa. Ngo atagikozwe nabo bazoja hamwe bakikingira.
IV. Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yaraye yemeje ukwitoza kw’uwahoze ari umukuru w’igihugu, Domitien Ndayizeye, inyuma yaho umurwi CENI wankiye ukwitoza kwiwe, uvuga ko atujuje ibisabwa, azokwitoza kw’izina ry’urunani Kira Burundi. Abitoza Valentin Kavakure w’umugambwe FPN Imboneza, na Anicet Niyonkuru w’umugambwe CDP, sentare yasanze badakwije ibisabwa.
V. Kwongereza abahagarikira n’abarorerezi mu matora yimirije mu Burundi, nico aha nini capfunditswe kuri uno wa gatanu, mu nama hagati y’aberwa n’amatora n’umugwi ujejwe amatora CENI. Iyo nama ikaba yarangiye ibibazo vy’abanyamigambwe bironse inyishu.
VI. Imyaka 50 irakwiye twibuka Umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi rw’igifaransa, uwo munsi mpuzamakungu ushingwa. Umugambi w’abawushinze, ngo wari uwo kugira ururimi rw’igifaransa igikoresho co kwiteza imbere, no guhuza abantu batandukanye kw’isi yose. Kubw’umunyamabanga mukuru wa Francophonie Louise Mushikiwabo, ngo inyuma y’imyaka 50 ayo masezerano ashizweko igikumu intumbero yagumye ari ya yindi.
VII. Ubusuma bw’ibibazo bwaribonekeje mu mashure y’inyuma y’ishure shingiro yo mw’ikomine y’inyigisho ya Kayanza. Ibibazo vyari bimaze indwi bikorwa muri iyo komine. Abanyeshure bakekwa ko boba barivye ivyo bibazo, bakaba gushika ubu bari mu minwe y’igipolisi.