I. Umuryango w’abamenyeshamakuru b’abarundi uri n’umubabaro mwinshi ku rupfu rw’umupfasoni Marie Soleil Frère, umwigisha muri za kaminuza yanonosoye ibijanye n’umwuga wo kumenyesha amakuru. Kubwa Alexandre Niyungeko arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ, ng’uwo mupfasoni yaragize uruhara runini mw’iterambere ry’umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi; na cane cane mu kugira uruhara rwo gushinga igisata co kwigisha abamenyeshamakuru muri kaminuza y’Uburundi.
II. Umuntu umwe yaraye yishwe n’imvubu ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu muri zone Gitaza, komine Muhuta intara ya Rumonge. Amakuru ava aho muri komine Muhuta avuga ko ikiziga c’uwo yariwe n’iyo mvubu, kitari bwaboneke gushika kuri uyu wa gatandatu. Abanyagihugu bakaba bavuga ko batekewe n’ubwoba bw’ivyo bikoko vyo mu kiyaga, bimaze imisi birya abantu.
III. Amazu n’ibiti bimanitseko intsinga z’umuyagankuba vyaraye bihitanywe n’imvura ivanze n’umuyaga yaguye ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu, mu gisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu baba mu gisagara bavuga ko iyo mvura yakuvye umwanya muto, bakabona ko ari nk’isibe, bagasaba abajejwe ihindagurika ry’ibihe kuza baravuga imvura igwa uko ingana, kugira abanyagihugu bamenye inyifato bogira igihe cose babonye imvura ikuvye.
IV. Abantu babiri bari mu minwe y’inyamiramabi muri komine Mugamba, intara ya Bururi, kuva kuri uyu wa kane. Amakuru ava aho muri iyo komine akaba avuga ko bahagaritswe n’igipolisi inyuma yo gufatanwa iwabo ibitasi vyitirirwa komine ari ivya magendo. Mu gipolisi bakavuga ko hari n’abandi bariko bararonderwa.
V. Aho bukera kuri uwu wa 21 ntwarante, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira amashamba. Ikigabane Kw’Isôko kibabwira uko amashamba yategerezwa gukingirwa mu Burundi ageramiwe n’abari bajejwe kuyakingira.