Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/03/2023

Publié le 20 mars 2023 par Rédaction
I. Abasirikare barenga 20 bakurikiranwa ko boba baragize uruhara mu busuma bubera mu gisata DCT c’ibiro bikuru vya gisirikare, barirukanywe mu gisirikare. Iyo ngingo yo kubirukana yasohotse inyuma y’imisi mike baherutse kurekurwa ngo baburane bidegemvya, mbere bakaba bari basubijwe ku mirimo yabo. Bamwe mu basirikare bakabona ko hoba harimwo ukubajaniranya na burya icaha kitari bwabagire.
II. Ururimi rw’igifaransa rusa n’ururiko rurazimangana mu Burundi bivuye kw’itunganywa ribi ry’inyigisho. Ku rundi ruhande, bigaterwa n’ukwo bamwe mu bategetsi b’Uburundi rubagora bakarondera kuruzimanganya. Ukwo niko Libérat Ntibashirakandi akwirikiranira hafi ikibazo c’indero abivuga, kuri uyu musi mpuzamakungu wahariwe ururimi rw’igifaransa usanzwe uhimbazwa ku wa 20 Ntwarante ukwo umwaka utashe. Abona ko abaserukira Uburundi mu bihugu bimwe bimwe, bisigaye biteye isoni ukuntu bavuga urwo rurimi mu buryo bucafuza isura y’Uburundi. Agasaba abategetsi b’Uburundi kudashira inyungu za bamwe imbere bakibagira ineza y’igihugu, mu guha akazi abadashobora kuvuga urwo rurimi ari na bo bariko barondera kurwimbira icobo, mu gihe urwo rurimi rwigeze guhesha iteka igihugu kubera rwari ruteye imbere.
III. Amakenga ni menshi ku banyagihugu bo muri zone Murima na Kabuye muri komine n’intara ya Kayanza. N’inyuma y’imvura ivanze n’urubura yaguye ku mugoroba wo ku munsi w’Imana, aho yononye imirima yo ku mitumba ishika kuri indwi yo muri ayo ma zone uko ari abiri. Abo banyagihugu bagasaba abajejwe intwaro n’ababishoboye, kubagarukirako kuko bagiye kwicwa n’inzara, mu minsi iri imbere.
IV. Umugera w’indwara y’ubukangwe ari yo bita poliomyélite wibika mu mihogo canke mu mara.  Mu kwandukira, uwo mugera urahanahanwa hagati y’abariko baravugana, canke mu gihe abana bariko barakina. Bishikirizwa na Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’indwara z’ivyaduka. Abishikiriza mu gihe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 17 ntwarante uno mwaka, igisata ca ONU kijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS, cavuze ku mugaragaro ko indwara y’ubukangwe yabaye icaduka mu Burundi.
V. Kugira rero ngo abanyagihugu bayirinde, uwo muhinga Come Konakuze avuga ko bakwiye kugira isuku no kwijukira urucanco.
VI. Mu makuru y’inkino, muri basketball, inkino zitangurira ihiganwa ku rwego rw’igihugu zabandanije mu mpera z’iyi ndwi. Umugwi w’Urunani ukaba warirahiye umugwi wa New Star. Mu mupira w’amaguru naho, umugwi nserukiragihugu wagiye, gufata indege uno munsi ugana mu gihugu ca Indonésie, aho ugiye gukina inkino za kivandimwe n’ico gihugu.

Ibindi bisa n'ibi