Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/04/2022

Publié le 20 avril 2022 par Rédaction
I. Hasubiye kwibonekeza umugera wa corona mu ma komine ya Ntega na Vumbi mu ntara ya Kirundo. Ubunywero n’uburiro buri ku mitumba ibangamiwe bukaba bwugawe kuva kuri uno wa gatatu, mu ntumbero yo gukinga irandagata ry’uwo mugera ku yindi mitumba canke ayandi ma komine.
II. Abadandaza ibinyobwa vya Brarudi muri komine Bugarama yo mu ntara ya Rumonge baridoga ko bataronka ivyo binyobwa uko vyategerezwa. Basigura ko bamwe mu bajejwe inzego zitandukanye ari bo bigaruriye urwo rudandazwa rw’ivyo binyobwa. Mu gihe ingaruka ziba ku munyagihugu muto, basaba ko hoba impinduka.
III. Iyo abajejwe intwaro bashatse kuba abadandaza ntibaba bacitayeho inyungu z’igihugu n’abanyagihugu. Ivyo bishikirizwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ryinshinze gukangurira abantu guhindura ingendo. Ni mu gihe bamwe muri bo basigaye bakora urundandazwa, na cane cane mu bidandazwa bitakiboneka nk’isukari, ifumbire n’ibindi. Akarorero ka hafi n’ak’abarongoye intwaro bo mu ntara ya Rumonge na Cibitoke, baheruka gufatwa bariko badandaza igitoro ca magendo.
IV. Abarundi bahungiye mw’ikambi y’impunzi ya Lusenda mu gihugu ca republika y’intwaro rusangi ya Congo bavuga ko bibagora kwivuza, aho bavuga ko bahawe n’impapuro zo kuja kwivuriza ku bitaro bikuru baburabuzwa gushika aho basinzikara batavuwe. Basaba abarongoye HCR kubavuza nk’ukwo bitegekanijwe.
V. Uburundi, Kenya, Namibie na Cameroun ni vyo bihugu bisangiye umugwi w’amahiganwa mu gikombe ca Afrika co mu mwaka uza wa 2023. Vyaraye bimenyekanye inyuma y’itombora yo kuri uno wa kabiri bita tirage au sort. Kiretse Cameroun, ivyo bindi bihugu nta covuga ko gikomeye gusumvya ibindi, ibituma Uburundi bwokwizera gushika mu nkino za nyuma.

Ibindi bisa n'ibi