I. Umukobwa na nyina wiwe bo ku mutumba Cihonda, komine Gashoho, intara ya Muyinga, bari mu minwe y’inyamiramabi kuva kuri uyu wa gatatu, bagirizwa gufasha kugandagura ku musi wa mbere umwana uwo mwigeme yari yibarutse, nk’ukwo amakuru ava mu ntwaro kuri uwo mutumba avyemeza. Uwo mwigeme ngo akaba yanize uruyoya yari yibarutse, akoresheje igitambara maze ngo aca ata ikiziga c’ico kibondo mu kazu ka surwumwe, nk’ukwo ayo makuru avyemeza. Ikiziga c’uwo mwana kikaba cakuwe muri ako kazu ka surwumwe, ejo ku muhingamo. Uwo mwigeme ngo akaba yafashwe agiye ku biro vya komine Gashoho kurondera impapuro z’inzira, ngo aje mu gihugu ca Oman.
II. Kwica abarundi, kubangaza, ubukene, intwaro y’igikenye birangwa mu Burundi, ngo nta kindi biturukako atari ihonyangwa ry’ivyashitsweko mu masezerano y’amahoro no gusubiza hamwe ya Arusha. Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu nama mpuzamakungu yahuje abarundi bava mu mihingo itandukanye y’isi, yatanguye kuri uno wa kane i Buruseli mu gihugu c’Ububiligi.
III. Umuntu w’igihangange nka Général Alain Guillaume Bunyoni ahunze birahungabanya imitima y’abandi barundi. Uwo ni Léonce Ngendakumana, icegera c’uwurongoye umugambwe FRODEBU, abivuga. Akaba atangazwa n’ingene inzu y’uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yagiye gusakwa kandi yasa n’uwaramaze kubimenyeshwa. Ariko rero Léonce Ngendakumana akabona ko Bunyoni yarakwiye guhabwa icubahiro kijanye n’urwego rwiwe. Léonce Ngendakumana akaba yabivugiye i Buruseri iyo ari muri iyo nama.
IV. Umukuru w’igihugu aremera ko abarundi bakenye koko ariko ngo bakwiye guhindura ingendo, kugira bave mu bukene barimwo. Evariste Ndayishimiye yabishikirije kuri uno musi hugururwa ibiganiro bigira kabiri, vyerekeye kwiha intumbero y’iterambere ry’igihugu. Atanga intumbero y’uko ibiganiro vyogenda, umukuru w’igihugu yavuze ko abarundi botegera ko atari igikorwa ca leta gusa ahubwo ari ica zina murundi wese.
V. Ku ruhande rw’abafasha Uburundi, na bo nyene bari bitabiriye ivyo biganiro, uwuserukira ibihugu vya buraya mu Burundi, Claude Bochu, arashima ko leta y’Uburundi yiha intumbero ya kazoza mu vy’ubutunzi, ariko ko vyoza vyishura ku bibazo bihanze abarundi ubwabo muri kazoza ka vuba.
VI. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’ak’abana akorera mu ntara ya Ngozi, mu buraruko bw’igihugu, asaba guhana bimwe vy’akarorero umugabo bivugwa ko aherutse gufata ku nguvu umwana wiwe w’imyaka cumi n’itanu. Ubwo bubisha bwabaye kw’itariki cumi za kuno kwezi, ku mutumba Mirango ni muri zone Mivo mu ntara ya Ngozi.