I. Abantu begeranirijwe mu kigo c’ishure ry’imyuga mu Mika, komine Giteranyi, intara ya Muyinga, kugira bakurikiranwe ko atabimenyetso vy’umugera wa Corona bafise, bugarijwe n’ubukene bw’amazi. Abo bantu barenga 340, baje bava mu gihugu ca Tanzaniya.
II. Abanyagihugu bari mu Burundi barashimishwa n’ingingo yaraye imenyeshejwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, yo gupima umugera wa coronavirus gushika no hagati mu gihugu. Ku bwabo, ngo naho iyo ngingo ifashwe itevye ngo yari ikenewe, kuko ngo izofasha kumenya vy’ukuri abarwayi bari mu gihugu maze bitabweho. Bakizera ko n’izindi ngingo zijanye no kwikingira, zizofatwa mu misi iri imbere.
III. Mu gihe uno munsi ari umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi, abarundi bahungiye mu gihugu ca Uganda bavugako uno munsi ushitse bari mu bihe bitoroshe, kuko ukubaho kwazo kwunyuwe n’ikiza Covid-19. Uwuziserukira Frédéric Ndayisenga, asaba ko zorangwa no kwama zifatanye mu nda, ngo na yo ababishoboye cokimwe na HCR bakabandanya kubashigikira.
IV. Indwi yose irarangiye ama karitiye amwe amwe y’igisagara ca Muyinga ata muyagankuba uharangwa. Ivyo bikaba vyaturutse ku nkuba yakubise icuma gihingura umuyagankuba. Abanyagihugu bavuga ko bimwe mu bidandazwa vyononekara, bagasaba Regideso kuva mu gacerere rigatunganiriza abo banyagihugu.
V. Abana bafise ibibazo vyo gufungura nabi mw’ikambi ya Mulongwe mu gihugu ca Repubulika iaharanira intwaro rusangi ya Congo, ishirahamwe PAM ryitaho ibifungurwa kw’isi rirabaronsa ifu y’ibiyoba, ibongerereza ingaburo bita Kindakinda. Iyo ngaburo itangwa uko amezi atatu aheze, abayiha abana babo bavuga ko ari ngirakamaro.
VI. Ikigabane « Kw’isoko » c’uno musi gishimikira kw’ijambo umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE aheruka gushikiriza, ku bijanye n’itahuka ry’impunzi.