Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/06/2023

Publié le 20 juin 2023 par Rédaction
I. Kuri uno musi wa kabiri, niho amakungu yahimbaje umusi wahariwe impunzi, nk’ukwo vyama ku magenekerezo ya 20 Ruheshi uko umwaka utashe. Icivugo c’uno musi ni “Umwizero inyuma y’igihugu c’amavukiro’’. Margarita Barankitse arongoye ikigo Maison Shalom akebura impunzi z’abarundi aho bari hose kutihebura, bareke kwifata rworo, berekane nyabuna ko bashoboye kwiteza imbere. Iyo ngo ni yo nzira yo kwiha agaciro mu bihugu vyabahaye ubuhungiro. Uwo arongoye ikigo Maison Shalom yabishikirije mu birori vy’uno musi vyabereye i Kigali mu gihugu c’Urwanda.
II. Mw’ikambi y’i Lusenda mu gihugu ca republika iharanira demokrasi ya Congo, impunzi zugarijwe n’ubukene butagira izina. Uno munsi rero, bakaba baboneyeho akaryo ko gushikiriza ibibazo bafise vyo gufungura nabi be n’umutekano, nk’ukwo bishikirizwa n’uwuserukira impunzi z’abarundi mw’ikambi y’i Lusenda, Olivier Iranzi Ntumangende.
III. Uyo munsi mpuzamakungu wahariwe impunzi ushitse mu gihe impunzi z’abarundi ziba mu bihugu vyo mu biyaga binini, zibangamiwe muri rusangi. Abatishwe baraburabuzwa mu mirimo yabo ya minsi yose. Akarorero ka hafi ni impunzi z’abarundi zahungiye muri Tanzaniya aho imirima yabo idasiba kurandurwa, bakanababuza gukora udukorwa two kwiteza imbere nk’urudandazwa n’ibindi. Jean Bosco Vyizigiro, ajejwe kumenyesha amakuru muri CBDH-VICAR urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi mu makambi.
IV. Abarenga ibihumbi 200 mu mpunzi z’abarundi baratahukanywe, bava mu bihugu bitandukanye kuva mu mwaka wa 2017 gushika mu mpera z’ukwezi kwa gatanu k’uyu mwaka wa 2023. Bishikirizwa na Célestin Bonansize, icariho c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gihe Uburundi bwifadikanije n’amakungu mu guhimbaza uyu musi mpuzamakungu wahariwe impunzi.
V. Baratabaza ko bagiye kwicwa na kigoyi. Abo ni abanyororo bo mu mabohero atandukanye, bamaze ikiringo kirenga indwi zibiri badakubise ijisho igifungurwa c’ibiharage. Basaba ubuyobozi bukuru bw’amabohero kubaronsa ivyo bifungurwa, kuko n’ifu y’ibigori baronswa bavuga ko uretse ko ari intica ntikize, ubwayo itameze neza, bitewe no kubikwa nabi.
VI. Ubwo bukene bw’ibifungurwa mu mabohero atandukanye y’igihugu, burateye impungenge ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, yagiriza abategetsi kutagira n’ico bavuga kuri iryo bura ry’ibifungurwa. Asaba leta na cane cane ubushikiranganji bw’ubutungane gutorera umuti urama, ico kibazo c’ibura ry’ibifungurwa mu mabohero.
VII. Ubukene bw’ibifungurwa vyo mu bwoko bw’intete z’ibigori buribonekeza mw’isoko nkuru ya Rumonge. Abadandaza bavuga ko batakironka ibigori, kuko badafise uruhusha rwo kuja kubirangura mu zindi ntara. Abanyagihugu bidoga ko bashobora guterwa n’inzara hamwe atacokorwa.
VIII. Agakuru keza mu rukino rw’umupira w’amaguru, Intamba mu rugamba zihejeje gutsinda ibitsindo 3 kuri 2 umugwi nserukira gihugu wa Namibiya, urwo rukino rwariko rubera ku kibuga citiriwe Benjamin William Mkapa i Dar es Salaam muri Tanzaniya. Uburundi bukaba busigaje gukina n’umugwi nserukira gihugu wa Cameroun, muri ayo mahiganwa yo gukuranamwo mu kurondera itike yo kuzoja mu gikombe ca Afrika, kizoba mu kwa mbere k’umwaka wa 2024.

Ibindi bisa n'ibi