Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/09/2021

Publié le 20 septembre 2021 par Rédaction
I. Abantu bane ni bo baraye bamenyekanye ko bapfuye, abandi nabo bagakomereka mu ntara za Gitega na Ngozi, muri iri joro ryo ku w’Imana ushira uwa mbere. I Gitega hapfuye 3, hakomereka abarenga 20, bivuye ku gitero cakozwe mu kirabo co muri komine n’intara ya Gitega, aho bita ku masanganzira. Uwundi nawe yaraye agandaguwe n’abantu bataramenyekana muri komine Tangara mu ntara ya Ngozi, bamusanze aho asanzwe aba.
II. Abanyagisagara bitabira amakoraniro atandukanye ntibarashira mu ngiro ingingo y’abarongoye igisagara ibategeka kwambara agapfukamunwa mu makoraniro. Ivyo bibonekera cane cane ahantu hahurira abantu benshi, nko mu masengero canke mu makoraniro yandi abera muri ico gisagara. Ivyo biri uko mu gihe abarongoye igisagara ca Bujumbura batanze itegeko mu ndwi iheze, rivuga ko uwutazokwambara agapfukamunwa mu makoraniro acibwa ihadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana.
III. Ariko ngo naho abarongoye igihugu bama bavuga ko bashigikiye urucanco rwa Covid-19, abanyagihugu bo basaba ko abarukeneye bokoroherezwa bakicandagisha. Akamo  gaterwa  abategetsi b’Uburundi. Abanyagihugu bavuganye na Radiyo Inzamba bagiriza abo bategetsi nyene ko aho kuzana urwo urucanco ngo abarukeneye baruronke kandi ari uburenganzira bwabo, bakwega amaguru mu gihe bobo baja kwicandagisha mu bindi bihugu.
IV. Ngo biragoye gutahura icatumye umukuru w’igihugu atitwaza i New York umushikiranganji wiwe ajejwe imigenderanire mu nama ihuza abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ivyo bishikirizwa n’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Frédéric Bamvuginyumvira, avuga ko umushikiranganji Albert Shingiro yakoreye i New York imyaka itari mike, yari mu bofasha mu mibonano umukuru w’igihugu yogize kuri ico cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Iyo nama igira 76 ihuza ibihugu bigize umuryango wa ONU ikazugururwa icese kuri uno wa kabiri.
V. Umunyororo Toutou Rugendo afise ibimenyetso vyo kurwara mu mutwe akaba yaramaze hafi indwi zibiri apfungiwe mw’ibohero rya Bubanza, kuri uyu wa mbere yarekuwe. Ingingo yo kumurekura yafashwe na parike ya Bubanza, inyuma y’aho uwo musore yerekaniye ibimenyetso vy’indwara zo mu mutwe. Amakuru ava mu bacungera ibohero akavuga ko abandi banyororo biruhutsa, kuko kuva ashikanwa muri iryo bohero haguma hari akajagari aho yakura impuzu zose akagenda uko yavutse, akanamenagura ibintu vyose. Basaba ko abegereye umuryango wiwe bomujana kwa muganga.
VI. Abigisha bo kw’ishure nshingiro rya Ruvumera muri komine Nyanza-Lac y’intara ya Makamba, baridoga ko bariko baraturatuzwa n’uworongoye umugambwe CNDD-FDD kuri uyo mutumba. Abo bigisha bemeza ko yabugariye inzu y’uburaro kuri uyo Mutumba.
VII. Abasirikare b’Uburundi bari kugarukana amahoro muri Somaliya baridoga ko batangishwa amafranga yo gufasha mugenziwe abo arwaje umugore wiwe kuva mu 2016. Abo basirikare bavuga ko impapuro z’umurwayi yerekana zama ari za zindi nyene haraciye imyaka itatu. Bagatangazwa n’ingene apfa kuvuga ko akeneye intererano, abakuru mu gisirikare bagaca basohora urwandiko ruvuga ko kumuha intererano bicitse nk’itegeko, kandi batigeze bagishwa inama.
VIII. Haribonekeza ubukene bw’ibitoro biri mu bwoko bwa Mazout na essence, mu ntara ya Muyinga. Kuva kw’igenekerezo rya 16 Nyakanga, nta n’ima na rimwe rirangwa ku bituro vyose bitanga igitoro, nk’uko amakuru ava aho mu ntara ya Muyinga avyemeza. Inkurikizi zitari nke zifatiye ku biciro n’umutekano, zikaba zitatevye kwibonekeza.
IX. Ingingo yafashwe na musitanteri wa komine Nyabihanga yo kubuza ibagwa ry’impene muri zone Kibungere irateye agahinda abanyagihugu bo muri iyo zone, mu ntara ya Mwaro. Bavuga ko bifuza akanyama k’impene bakakabura, kuko haheze hafi imyaka ibiri iyo ngingo ifashwe. Basaba musitanteri kwisubirako.
X. Indwi igira iya gatanu mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi kuri uno w’Imana niho yasozerwa, umugwi wa Burundi Sport Dynamique ukaba ariwo uri mu kibanza ca mbere vy’imfatakibanza. Muri Basketball naho, imigwi itatu kuri ine yararonse kuri uno w’Imana uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri gishira ica nyuma, mu nkino zitangurira ihiganwa.

Ibindi bisa n'ibi